Japan: Inyubakwa zarokotse ikibombe ruhonyanganda ca Hiroshima zigiye kubomorwa

Redbrick building

Ahavuye isanamu, Google

Igisagara ca Hiroshima mu Buyapani gitegura kubomora inyubakwa zibiri zarokotse ikibombe ruhonyanganda c'ubumara mu 1945.

Ariko bamwe mu banyagihugu basaba ko zibungabungwa nk'ivyibutso.

Izo nyubakwa zibiri zubatswe mu 1913 zabanje gukoreshwa nk'ihinguriro ry'impuzu za gisirikare, mu nyuma ziba amazu y'uburaro bw'abanyeshure ba kaminuza.

Nizo zakoreshejwe nk'ibitaro vy'imfatakibanza inyuma y'ico kibombe nyene.

Umwe mu barokotse ico kibombe ati: "Izo zishobora n'ugukoreshwa mu guhimiriza kurwanya umugambi wo guhingura ibibombe ruhonyanganda vy'ubumara".

Ico kibombe kimwe gusa cahitanye abantu ibihumbi 80, abandi nabo 35.000 barakomereka. Ico kibombe carahanaguye igisagara hafi cose.

Gushika mu mwaka uheze, inzu zitanu gusa zubatswe imbere y'ico kibombe nizo zari zisigaye ku birometero bitanu uvuye aho caturikiye.

Izo nyubakwa zasigaye, kubera zari zubatswe mu bikoresho bikomeye cane rwose.

Bimwe mu bisigarira vy'aho ico kibombe cakubise biracaboneka ku madirisha n'imiryango y'ivyuma.

Mu 2017, abategetsi bagiye gusanga izo nyubakwa, ubu zisigaye ziri mu minwe ya leta, zishobora gusenyuka mu gihe hoba ca nyamugigima gikomeye.

Ubu rero, kubera izo nyubakwa zitagikoreshwa kandi abanyagihugu batemerewe kuzijambo, abategetsi b'akarere bafashe ingingo y'uko zobomorwa imbere y'umwaka wa 2022.

Iyindi nyubakwa ya gatatu iri muri ico kibanza izobungabungwa, impome zayo n'igisenge cayo bizosubirwamwo kandi vyongerezwe ubukomezi kugira bishobore kurinda za nyamugigima.

Iyi ni Hiroshima, inyuma y'aho iterewe ikibombe ruhonyanganda c'ubumara kigasiga ari umunyota

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iyi ni Hiroshima, inyuma y'aho iterewe ikibombe ruhonyanganda c'ubumara kigasiga ari umunyota

Iwao Nakanishi w'imyaka 89 yari muri imwe muri izo nyubakwa igihe ico kibombe giterwa muri ico gisagara. Ubu arongoye ishirahamwe ririko rirwanira ko izo nyubakwa zobungabungwa.

Yabwiye ikinyamakuru Mainichi ati: "Turavye ikibanza zifise muri kahise mu kwigisha abazovuka ibijanye n'iryo shano, ntidushobora kwemera na gato ko zibomorwa. Turavyiyamirije bikomeye".

Bwana Nakanishi avuga ko izo nyubakwa zishobora gukoreshwa mu rugambwa rwo "kurwanya ihingurwa ry'ibibombe vy'ubumara".

Kuva mu myaka mike iheze, ntizikoreshwa n'aho abategetsi b'akarere bemerera ko ingenzi zishobora kuja gutemberayo.

Ingenzi y'imyaka 69 yari yatembereye ico kibanza yabwiye ikinyamakuru Yomiuri ati: "Izi ni inyubakwa ngirakamaro zitwibutsa amabi y'ikibombe c'ubumara".

"Maze kwibonera izo nyubakwa ubwa mbere narumvise nkozweko cane, ku buryo nipfuza ko zobungabungwa".

Kimwe mu bisigarira vya Hiroshima kizwi cane ni inyubakwa ifise urusenge rw'umuzingi iri mu kibanza citiriwe icibutso c'amahoro.

Ico kibanza cashizwe mu mutungo w'isi w'ishirahamwe Unesco, harabaye ibikorwa vyo kugikomeza kugira ngo gishobore kurinda vya nyamugigima.

Ibisigarira vy'inyubakwa ya Genbaku birabungabunzwe nk'icibutso

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibisigarira vy'inyubakwa ya Genbaku birabungabunzwe nk'icibutso

Mbega muri Hiroshima habaye iki?

Inyuma y'aho Ubudagi bwemereye kwo bwatsinzwe mu ntambara ya kabiri y'isi yose mu kwa gatanu 1945, Ubuyapani bwobwo bwarabandanije intambara muri Asia.

Ubuyapani bwabanje kwiyamiriza umugambi w'amahoro bwari butegetswe guterako igikumu kugira ngo intambara ihagarare.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zari zizigiye ko ziteye ikibombe c'ubumara bwari guca bwemera guhagarika intambara ata bandi banyamerika bahasize ubuzima.

Ikibombe ca mbere catewe i Hiroshima cishe abanti ibihumbi 140 bose hamwe, harimwo n'abahitanywe n'indwara zivuye ku nkurikizi z'ubumara bwaco.

Bwari bwo bwa mbere mu ntambara hakoreshejwe ikibombe c'ubumara.

Amerika ibonye Ubuyapani bwanse gushira amaboko hejuru, igisirikare cayo caciye gitera ikindi kibombe kigira kabiri mu gisagara ca Nagasaki nyuma y'iminsi itatu.

Inyuma y'iminsi itandatu, Ubuyapani bwaciye bushira amaboko hejuru, intambara ya kabiri y'isi yose iba irarangiye.