Vladimir Putin: Imyaka 20 mu mafoto 20

Umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladimir Putin afata ijambo mu kwiyamamaza mu kwa gatatu 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Vladimir Putin ari mu gukwiza imyaka 20 ayoboye igihugu ciwe nk'umukuru w'igihugu hamwe n'umushikiranganji wa mbere, acengacengana na politike y'akarere n'isi hamwe n'imanza zikomeye z'amahiganwa y'inkino

Bill Clinton yari umukuru w'igihugu igihe uyu mugabo yahoze akorera KGB yaba umukuru w'igihugu ku nshuro ya mbere itariki 31 z'ukwa cumi na kabiri 1999. Mu myaka 20 kuva ico gihe, haragiyeho abandi bakuru b'ibihugu 3 muri Amerika n'abashikiranganji ba mbere 5 mu Bwongereza.

Kuva ku mishamirano yo ku rwego rw'isi n'amahano mu gihugu ciwe gushika ku ntsinzi z'inkino n'amasanamu ya propanganda, turaraba amafoto yaranze imyaka 20 y'ubutegetsi bwa Putin.

Putin ahana ukuboko na Boris Yeltsin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Vladimir Putin yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere mu kwezi kwa munani 1999, imbere y'uko asubirira Boris Yeltsin nk'umukuru w'igihugu itariki 31 z'ukwa cumi na kabiri

Bwana Putin, yahoze ari umukozi w'urwego rw'iperereza, KGB, yari yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere igihe Uburusiya bwatanguza intambara ya kabiri yo muri Chechenie mu kwa cumi 1999, mu kwishura ku bitero vy'ibisasu ku magorofa atuwe n'abantu hagapfa benshi.

Intango y'ubutegetsi bwiwe yaranzwe n'ugushamirana mu bumanuko bw'Uburusiya. Abasirikare b'Uburusiya bugarije umurwa mukuru wa Chechenie, Grozny. Mu 2003, ONU yavuze ko Gorzny wari wo muji wasambuwe kurusha iyindi kw'isi mu mpera z'ukwo kwugarizwa.

Putin atwaye indege y'ingwano

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bwana Putin yagiye n'indege muri Chechenie mu kwa gatatu 2000, haciye amaze hatangujwe intambara ya kabiri ya Chechenie

Uburusiya bwamaze imyaka buterwa n'abarwanyi, nk'igitero co mu 2004 kw'ishure rya Beslan aho abantu 330 bapfuye, bagizwe ahanini n'abana.

Prezida Putin ntiyahagaritse imirwano icese muri Chechenie gushika mu 2009.

Putin n'abagize leta yiwe bari mu munota w'agacerere mu 2004 nyuma y'igitero kw'ishure i Beslan

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Insiguro y'isanamu, Abashikiranganji ba leta y'Uburusiya bari mu munota w'agacerere mu kwa cenda 2004 nyuma y'igitero c'i Beslan, aho abarwanyi bishe abantu barenga 330.

Bwana Putin yemejwe nk'umukuru w'igihugu mu matora mu kwa gatatu 2000, kandi mu mezi make gusa yari kw'isonga mu bibazo bijanye no kwimenyekanisha.

Amahano y'ubwato bugira munsi y'amazi bwa Kursk, yahitanye ababukoramwo bashika 118.

Putin ahura n'umuryango w'asize ubuzima mu mahano ya Kursk

Ahavuye isanamu, ITAR-TASS/AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bwana Putin yahuye n'umuryango w'umugaba w'ubwato bugira mu mazi Kursk ariko mu ntango yariyamirijwe ku kuntu yavyifashemwo amahano akiba

Igihe Kursk bwarohama mu 2000, vyatwaye iminsi kugira Uburusiya bubimenyeshe imiryango kandi Prezida ntiyaciye atahuka ava mu karuhuko kuri Black Sea.

Putin na George W Bush i Texas, 2001

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'igihugu wa Amerika George W Bush yatumiye Bwana Putin kumusura mu 2001. Uko ari babiri bafatanye urugendo baja muhira kwa Bwana Bush i Texas

Mu myaka cumi yiwe ya mbere ku butegetsi, Vladimir Putin muri rusangi yabanye neza n'abarongozi b'ibihugu vya Buraya na Amerika naho yagaya politike zabo mu makungu.

Putin na Berlusconi mu myambaro ishusha y'igihe c'imbeho bari muri parike iri mu buraruko bwa Moscow mu 2003

Ahavuye isanamu, ITAR-TASS/AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano Silvio Berlusconi (i buryo) yagendeye Uburusiya mu 2003 kuganira ku kibazo ca Irake
Umwamikazi Elizabeth II na Vladimir Putin mu nderuzo mu 2003

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwamikazi w'Ubwongereza nawe yaratumiye Bwana Putin mu rugendo rw'akazi mu 2003 - urugendo rwa mbere rw'umurongozi w'Uburusiya kuva mu 1874

Uburusiya bwakiriye inama y'ibihugu vya rutura G8 mu 2006, bwemanga ubunyamuryango bwabwo muri uwo mugwi.

Kuva i bubamfu uja i Buryo: Angela Merkel, Tony Blair, Jacques Chirac, Vladimir Putin na George W Bush

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Angela Merkel, Tony Blair, Jacques Chirac, Vladimir Putin na George W Bush bifotoza mu nama ya G8 mu 2006 i St Petersburg

Hakurikijwe ibwirizwa shingiro ry'Uburusiya, Bwana Putin ntiyashobora kuguma ku butegetsi ikiringo ca gatatu, rero mu 2008 yaciye aba umushikiranganji wa mbere imyaka ine.

Ni bake babona Prezida Dmitry Medvedev nk'umukuru w'igihugu abushitse kuko vyagaraga ko yari abaye agumirije ikibanza Putin.

Vladimir Putin (wa kabiri i bubamfu) ariko araraba umugabo yakomerekeye mu mirwano muri Ossetia y'ubumanuko, mu rugendo ku bitaro i Vladikavkaz, umurwa mukuru w'intara ya Ossetia y'uburaruko

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nk'umushikiranganji wa mbere, Bwana Putin yagendeye abakomeretse igihe intambara yaduka hagati y'Uburusiya ba Georgia

Igihe Georgia yarungika abasirikare gusubiza ibintu mu buryo mu ntara yari yiyonkoye ya Ossetia y'ubumanuko mu 2008, Uburusiya bwaciye butera Georgia.

Iyo ntambara ngufi yo mu kwezi kwa munani yateye impungenge ibihugu vya Buraya, ariko ivyo Uburusiya bwakoze muri Ukraine mu 2014 ni vyo vyunyuye imigenderanire ya Bwana Putin n'Uburaya.

Gufata no kwigarurira intara ya Crimea vyakozwe n'Uburusiya bukayikura kuri Ukraine vyatumye ishirahamwe rya Buraya na Amerika bifata ibihano binahagarika ubunyamuryango bw'Uburusiya muri G8.

Putin ku mbonesha kure nini cane atangaza ko Crimea yigaruriwe

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Insiguro y'isanamu, Kwigarurira intara ya Ukraine, Crimea, vyakozwe na Prezida Putin mu 2014 vyamwongereye amanota mu Burusiya
Putin ari kumwe n'umugwi w'abatwara amapikipiki i Crimea mu 2019

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Insiguro y'isanamu, Igihe Putin yitabira igikorane c'abatwara amapikipiki mu ntara yigaruriwe ya Crimea mu kwa munani 2019, Ukraine yavuze ko "ari uguhonyanga vyeruye ubwigenge bwayo."
Volodymyr Zelensky, Emanuel Macron, Vladimir Putin na Angela Merkel i Paris mu kwa cumi n akabiri 2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibiganiro vyarasubiriye kuno kwezi, nyuma y'imyaka itanu intambara itanguye muri Ukraine, Prezida Volodymyr Zelensky, akaba arondera guheraheza imirwano

Haciye imyaka ine intambara yo muri Siriya itanguye, Uburusiya bwarayinjiyemwo gufasha incuti yabwo, Prezida Bashar al-Assad, mu gihe leta yiwe yagira itembe. Ingingo ya Bwana Putin yo kurungika indege z'Uburusiya hamwe n'ibiduga bitamenwa yahinduye ibintu cane ku rubuga.

Putin na Bashar al-Assad mu 2017

Ahavuye isanamu, TASS/Getty

Insiguro y'isanamu, Bwana Putin yashigikiye Prezida wa Siriya Bashar al-Assad, bituma intambara ihindura umurindi

Nyuma y'intsinzi ya Donald Trump mu matora ya Prezida wa Amerika mu 2016, abajejwe iperereza muri Amerika bavuze ko Uburusiya bwayivanzemwo.

Putin hana ukuboko na Prezida wa Amerika Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abajejwe iperereza muri Amerika bavuze ko Uburusiya bwivanze mu matora ya Prezida wa Amerika mu 2016

Nayo mu 2018, Ubwongereza bwagiriza Uburusiya kuroga uwahoze ari umusirikare mu rwego rw'iperereza Sergei Skripal i Salisbury.

Theresa May ahana ukuboko na Vladimir Putin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imigenderanire n'uwari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Theresa May, yajemwo uruhagarara bimwe biboneka nyuma y'ukwo kurogwa

Mu burongozi bwiwe umukuru w'igihugu c'Uburusiya yamye ashaka kugaragara neza kwiwe n'igihugu ciwe. Mu mafoto yiwe yagiye arasohora yamye agerageza kwiyerekana nk'umugabo w'igikenya.

Putin afise inkoho ya mudahusha ariko arahiga ata shati yambaye

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Insiguro y'isanamu, Vladimir Putin ata shati yambaye agendagenda n'inkoho ya mudahusha hafi y'urubibe na Mongolia mu 2007
Putin akina n'imbwa ziwe mu rubura mu 2013

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bwana Putin yaranerekanye urukundo afitiye imbwa, asohora ifoto mu 2013 ariko arakinira mu rubura n'imbwa ziwe Buffy na Yume
Vladimir Putin anyereye ariko arakina hockey yo ku rubura

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Yaranagerageje kwerekana ubushobozi bwiwe mu nkino, akina mu nkino za hockye na judo

Yarakoze uko ashoboye ngo aheshe isura nziza inkino mu Burusiya mu kwakira inkino Olempike zo mu gihe c'imbeho mu 2014 hamwe n'igikombe c'isi c'umupira w'amaguru mu 2018.

Inkino z'i Sochi zagenze neza ariko ingaruka zo gukoresha imiti yongera inguvu ziracibonekeza gushika n'ubu.

Ikigo kijejwe kurwanya ikoreshwa ry'iyo miti kw'isi (World Anti-Doping Agency) cahaye igihano Uburusiya co guhagarikwa kuja mu mahiganwa imyaka ine.

Icegeranyo co mu 2015 cavuze ko Uburusiya bwakoze ibisa n'ivyabereye ku rwego rwa leta, mu guha abononotsi basiganwa mu kwiruka imiti yongera inguvu.

Kuno kwezi basanze harabaye "gukorakora" ku bimenyetso vyatanzwe muri laboratoire.

Putin akora ku gikombe c'isi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Putin yagize uruhara rukomeye kugira Uburusiya bwakire inkino z'igikombe c'isi 2018

Mu gihe inkino z'igikombe c'isi ca Fifa 2018 zagenze neza ku rwego mpuzamakungu, ibara ryo gukoresha imiti yongera inguvu ryatumye Uburusiya butazokwitaba inkino z'igikombe gikurikira, zizobera i Qatar mu 2022.