Umugambwe PS Imberakuri uriyamiriza ingingo y’u Rwanda yo kwakira impunzi zivuye muri Libya

Mu baraye bageze mu Rwanda HCR ivuga ko umuto muri bo ari Hadia afise amezi abiri, yavukiye mu kigo bari bacumbikiwemwo muri Libya

Ahavuye isanamu, @UNHCRLibya

Insiguro y'isanamu, Mu baraye bageze mu Rwanda HCR ivuga ko umuto muri bo ari Hadia afise amezi abiri, yavukiye mu kigo bari bacumbikiwemwo muri Libya

Umugambwe PS Imberakuri utavuga rumwe na leta y'u Rwanda uvuga ko ubabajwe n'ukubona Ishirahamwe ryitaho impunzi kw'isi ryemeye kurungika impunzi zari zazibiriwe muri Libya muri ico gihugu.

Uwo mugambwe uvuga ko utumva ingene ishirahamwe ryitaho impunzi kw'isi ryemera kurungika izo mpunzi mu gihugu c'u Rwanda, cakagiriza guhonyanga agateka ka zina muntu harimwo n'ak'impunzi.

Uvuga ko u Rwanda ari co gihugu gifise impunzi nyinshi z'ingeri zose bivuye ku co wita "ihohotera ry'uburenganzira bw'ikiremwamuntu no guhonyora amahame ya demokarasi n'ubundi burenganzira burimo kwishyira ukizana no kuvuga icyo utekereza".

Izi mpunzi zigizwe ahanini n'abakomoka mu bihugu vyo mw'ihembe rya Afurika zatanguye gushika ejo ku mugoroba, zikaba zaciye zijanwa gucumbikirwa mu nkambi y'agateganyo ya Gashora mu Bugesera ku birometero 40 uvuye i Kigali.

Mw'itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uyu wa 27, uyo mugambwe wagiriza Leta y'u Rwanda ko ihungabanya "uburenganzira bw'ikiremwamuntu harimo n'uburenganzira bw'impunzi z'Abanyekongo zahungiye mu Rwanda".

Mw'iryo tangazo, umukuru w'uyo mugambwe, Bernard Ntaganda, yagiriza leta y'u Rwanda "ko mu mwaka wa 2018 impunzi z'Abanyekongo zo mu nkambi ya Kiziba ziciwe muri iyo nkambi", izindi zigapfungwa zihowe ko zagize imyiyerekano yo kwerekana ibibazo vyazo.

Ayagiriza kandi ko iriko irahohotera abatavuga rumwe n'ubutegetsi avuga ko "bari kwicwa umusubirizo, abandi bakaburirwa irengero abagize amahirwe bakaba bapfunzwe".

Ati: "Kuba rero Leta y'u Rwanda yihutira kuzana izi mpunzi za Libiya mu gihe yahejeje ishyanga Abanyarwanda, ibi birimo tena".

Insiguro ya video, Uku niko vyari vyifashe impunzi zishwiragizwa i Kiziba mu 2018

Bwana Ntaganda yagiriza amakungu ko yirengagiza ibibazo biri mu Rwanda, akavuga ko kubona HCR yemera kurungika ziriya mpunzi ari ugushinyaguriza impunzi z'Abanyekongo ziciwe mu Rwanda.

Ati: "Ibi bikaba bifatwa kandi nko gukomeza gutiza umurindi Leta y'u Rwanda mu guhungabanya uburengazira bw'ikiremwamuntu n'andi mahame aranga umuryangomuntu".

Umugambwe PS Imberakuri usaba HCR "guhagarika gukomeza koherereza ziriya mpunzi zo muri Libiya mu Rwanda igihe cyose Leta y'u Rwanda idahagaritse gukomeza guhonyanga uburenzira bw'ikiremwamuntu".

Ku bw'uyo mugambwe, Leta y'u Rwanda ntishishikajwe "n'ineza ahubwo ishishikajwe no guhisha no guhubika amahanga kugira ngo iyibagize ihonyanga ry'uburenganzira bw'ikiremwamuntu n'andi mahame agenga umuryangomuntu ikomeje guhungabanya".

Gushika ubu, abategetsi b'u Rwanda ntaco barashikiriza ku bivugwa n'umugambwe PS Imberakuri.

Ku vyerekeye kwakira izo mpunzi, Leta y'u Rwanda ivuga ko itari kureka abanyafrika bagakomeza kwicwa urubozo muri Libya kandi aho kubakirira hahari.