Umuhungu w'Umutaliyano yishe se bari mu ruhigi rw'ingurube y'ishamba

Ingurube y'ishamba i Sardinia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ukwo kuraswa kwabaye igihe abo bagabo bari mu ruhigi rw'ingurube y'ishamba

Igipolsi mu Butaliyano cagirije umugabo icaha co kwica nyuma y'aho arasiye se agapfa bari mu ruhigi rw'ingurube y'ishamba.

Abo bagabo bombi bariko baraca mw'ishamba rizitanye hafi y'umuji wa Postiglione mu ntara ya Salerno iri mu bumanuko ejo kuwa Mungu, nk'uko bitangazwa n'ibitangazamakuru vyo mu Butaliyano.

Uwo mugabo w'imyaka 34 yarekuye urusoro igihe yabona igitutu hamwe n'ivyatsi bihungabana, aca agema se hepfo mu nda.

Yaciye atabaza ubwo nyene igihe yamenya ibihejeje kuba, anagerageza gukiza ubuzima bwa se.

Ariko abaganga ntaco bashoboye gukora ngo bakize uwo mugabo w'imyaka 55 yitwa Martino Gaudioso.

Bariko barahigira mu gace ka parike y'igihugu aho guhiga bibujijwe, nk'uko bitangaza n'ibitangazamakuru vyaho. Igipolisi cafashe inkoho zabo.

Kuwa Mungu umukuru w'urwego rwo mu Butaliyano rukingira ibidukikije hamwe n'ibikoko, yavuze ko Ubutaliyano buriko burahinduka nk'akarere ka kera ko mu burengero bwa Amerika (Wild West).

Mu kwezi kwa cumi mu mwaka uheze, Sergio Costa, umushikiranganji ajejwe ibidukikije mu Butaliyano, yasavye ko habuzwa uruhigi rwo kuwa Mungu.

Aho ni nyuma y'aho umuhungu w'imyaka 18 arasiwe akicwa na mugenzi wiwe ku rubibe n'Ubufaransa.

Gushika mu mpera z'ukwo kwezi, abandi bagabo babiri umwe w'imyaka 56 n'uwundi w'imyaka 20, nabo barapfuye mu buryo busa nk'ubwo.