Leta ya Tanzania yategetse ko abahuza ibitsina babisagiye muri Zanzibar bafatwa

Icegera c'umushikiranganji w'intwaro yo hagati muri Tanzania, Hamad Masauni, yasavye igipolisi mw'izinga rya Zanzibar gufata abantu bose bahuza ibitsina babisangiye.
Avuga ko iyo ngeso iteye kubiri n'inyigisho ngenderwako y'amadini yose ahurikiyemwo Abatanzania n'abanya Zanzibar.
Ati: "Birababaje kubona abana b'abahungu batari bake barononywe, mu nyuma tukabona urwaruka rwinjira muri iyo ngeso y'uguhuza ibitsina babisangiye rugenda rwiyongera".
"Ndasavye igipolisi gukora ibishoboka vyose kugira ngo abo bose bagize akamenyero canke bafise ingeso y'ugukora canke guhimiriza ivyo bikorwa bibi mu gihugu cacu bafatirwe ingingo ruhasha".
Avuga ko urwo rwaruka rwinjiye muri iyo ngeso ari na rwo kandi ruboneka cane mu rudandaza rw'ibiyayuramutwe muri ako karere.
Avuga ko ico kibazo gihanze cane iryo zinga, bigatuma ishusho n'icubahiro vyaryo vyononekara, indero nayo igatera itituka.
Hagati aho, avuga ko kugira ngo ingeso nk'izo zituzwe burundu ari uko abanyagihugu bose bofashanya kuvyiyamiriza no kubihagarika.
Hari ishirahamwe rimaze gutanguzwa rifise intumbero y'ugusubiza ku murongo abahuza ibitsina babisangiye, hampande y'ukubafasha mu vyo amagara y'abantu.
Hagati aho, iryo shirahamwe IYAHIZA ntiryoroherwa kuronka abo bantu kuko binyegeza bagatinya gufatwa kuko bashobora gupfungwa gushika ku myaka 30.
Kugira ribaronke, ni uko rica kubavuye muri iyo ngeso kugira ngo rishobore kumenya abakibikora.
Mu mwaka wa 2017, ubutegetsi bwa Zanzibar bwarafashe abantu 20 bagirizwa guhuza ibitsina babisangiye, hari igihe haba isekeza ry'ugusaka abantu bahuza ibitsina babisangiye muri iryo zinga rya Afrika y'Ubuseruko.
Ico gihe, abagore 12 n'abagabo 8 nio bafashwe mu gitero cakozwe n'igipolisi kw'ihoteri bari bakoraniyemwo mu nama nk'uko bishikirizwa n'umukuru w'igipolisi, Hassan Ali.
Mu kwezi kwa kabiri umwaka wa 2016, leta yarugaye ibigo vyigenga 40 vyagirizwa ko vyariko birafasha abahuza ibitsina babisangiye.
Benshi mu rwaruka ruri muri iyo ngeso bavuga ko bayinjiyemwo ku mohe ya bagenzi babo.
Ariko, umwe muri urwo rwaruka atashimye ko izina ryiwe rimenyekana, avuga ko muramuwe ari we yahora amukorera ivyo bintu.
Ati: "Jewe naba kwa mushikanje hariya mu ntara ya Mwanza, muramwanje niwe yama ankorera ivyo bintu, akambuza ngo sindabibwire umuntu uwo ari we wese.
"Naguma mfise ubwoba, ariko ndabandanya mvamwo ndamenyera. Nagiye kubivuga muhira baca baranyirukana".
Uguhuza ibitsina ku babisangiye ni icaha muri Tanzania, kandi abagabo bahuza ibitsina babisangiye bashobora gupfungwa kuva ku myaka 30 gushika ku buzima bwose.










