Antonio Guterres wa ONU yemeye gushigikira igisirikare ca DR Congo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU yemeye ko iryo shirahamwe rizobandanya gufasha igisirikare ca Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo mu ntambara yo kurwanya imirwi irwanya ubutegetsi.
Mu rugendo rwiwe ejo ku wa Mungu mu gisagara ca Beni kiri mu buseruko bw'ico gihugu, Antonio Guterres yamenyesheje ko ari nkenerwa ko ibitero vy'ukurwanya imirwi irwanya ubutegetsi bibandanya.
Inteko mpuzamakungu zigera ku 16,000 ziri muri ico gihugu (MONUSCO), kikaba ari gitigiri kinini c'ingabo za ONU kw'isi.
Amafaranga zikoresha ku mwaka arenga n'umuliyaridi w'amadolari.
Bwana Guterres yemeye ko ingabo za ONU zizokorana n'igisirikare be n'igipolisi vya Congo.
Umumenyeshamakuru wa BBC akorera muri ico gihugu avuga ko abanyagihugu bo mu karere k'ubuseruko bw'ico gihugu bidoga bavuga izo ngabo ataco zimaze.
Izo ngabo zimaze imyaka irenga 20 muri ico gihugu, ariko ubukozi bw'ikibi burabandanya.
Asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP, bwana Guterres avuga ati: "Tuzokora ibishoboka vyose kugira ngo duhagarike uruhagarara".
Umunyamabanga mukuru wa ONU yarashitse no mu karere ka Mangina aho ikiza ca Ebola catanguriye, haciye umwaka.
Umutekano muke muri ako karere watumye igikorwa c'uguhangana n'umugera wa Ebola kibangamirwa, mu gihe ukutamenya kw'abanyagihugu ku vyerekeye uwo mugera kwatumye utwigoro tw'ukurwanya ikwiragira ryawo ataho dushika.
Abashika 2000 baramaze guhitanwa n'iyo ndwara.
Bwana Guterres yaragendeye ikigo kivura abafashwe n'iyo ndwara, aho yabahimirije ko abafashwe bokwihutira kwa muganga aho kwinyegeza.










