Tanzania yatanguye kwubaka urugomero rw'umuyagankuba rw'imiriyaridi 3 z'amadolari

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu ca Tanzania, John Magufuli, yashizeko ibuye rya mbere ku nyubako y'urugomero rw'umuyagankuba rwitwa Stiegler's Gorge.
Urwo rugomero rwa megawatts 2.115 vyitezwe ko ruzotanga inguvu zingana na GWh 5.920 z'umuyagankuba ku mwaka.
Izi nguvu zigwije na kabiri inguvu z'umuyagankuba igihugu cose ca Tanzania gisanganywe, urugomero rukazotwara amafaranga imiriyadiri zitatu z'amadorari ya Amerika ($3.000.000.000).
Ariko urwo rugamero ruri hagati ya parike y'ibikoko ya Selous - ahantu nyamukuru hazwi nk'icibare c'inzovu kandi hagizwe umurage w'isi.
Ibi vyateje umwitwarariko binatuma leta yiyamirizwa n'abakingira ibidukikije batinya ko urwo rugomero ruzokwonona aho ibikoko biba.
Iciyumviro c'uru rugomero cazanywe n'uwashinze Republika ya Tanzania, Julius Nyerere, ariko caje guhebwa kubera ibibazo vy'uburyo hamwe n'umwitwarariko ku bidukikije.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ariko leta ya Prezida Magufuli ishaka cane guteza imbere inganda, uwo mugambi ukaba warafashwe nk'inyishu yo gukemura ikibazo c'umuyagankuba uguma ucika bikabangamira igisata c'inganda.
Iki gikorwa gikomeye kiri mu mugambi nyamukuru wa Tanzania wo kwironsa inguvu z'umuyagankuba, ufise kw'isonga urugomero rwa Stiegler ruzoronsa umuyagankuba Tanzania, Uganda na Zambia,
Urwo rugomera ruzoba rugira kane mu bunini muri Afrika, rube urwa cenda kw'isi.










