Tanzania igiye guheba amakori kuri vyankenerwa vy'abari mu butinyanka

Onu ivuga ko umwigeme umwe kw'icumi asiba ishure ari mu butinyanka muri Afrika

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Onu ivuga ko umwigeme umwe kw'icumi asiba ishure ari mu butinyanka muri Afrika

Urubuga rwa Citizen ruvuga ko Tanzania igira ije mu mugwi w'ibihugu vya Kenya n'izinga rya Maurice mu gukuraho amakori ku dutambara dukenerwa n'abapfasoni bari mu butinyanka.

Umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta muri Tanzania Philip Mpango yashize ahabona ivyo kuri uyu wa gatanu, nka bimwe bigiye guhinduka ku mahera reta itegekanya gukoresha.

Vyizewe ivanwaho ry'ibice 18% vy'amakori yahora ava kuri ivyo bikoresho vya nkenerwa vy'abapfasoni bari mu butinyanka bizotuma bashobora kubironka na cane cane abigeme.

Insiguro y'amajwi, Imihango y'umukobwa itangira ryari?

Icegeranyo c'igisata ca Onu kijejwe inyigisho kivuga ko umukobwa umwe kw'icumi asiba ishure musi y'ubugaragwa bwa Sahara igihe aba ari mu butinyanka.

Bivugwa ko bamwe mu bakobwa batakaza ibice 20 % mu kwiga kubera ivyo, bigashobora no kubatuma baheba ishure burundu.