Abantu bashika 'ijana bishwe' mu gitero cagizwe mu karere k’aba Dogon muri Mali

Aba Dogon bakunze kugendera ku mico kama mu mibereho yabo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Aba Dogon bakunze kugendera ku mico kama mu mibereho yabo

Amakuru ava muri Mali avuga ko hafi abantu ijana bishwe mu gitero cabaye mu karere gasanzwe gatuwemwo n'abantu bo mu bwoko bw'aba Dogon muri ico gihugu.

Iradiyo y'Abarfaransa FRI ivuga ko ico gitero cabereye ahitwa Sobane-Kou, hafi y'igisagara citwa Sanga.

Ibiziga vy'abahitanywe n'ico gitero vyaturiwe nk'uko bivugwa n'umwe mu bategetsi bo muri ako karere, mu gihe bakirondera ibindi.

Kuva mu mezi aheze, ico gihugu cagiye kirangwamwo ubwicanyi, bumwe bushingiye ku bwoko, ubundi nabwo bugakorwa n'imirwi igendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu.

Aba Dogon basanzwe babeshejweho n'uruhigi be n'aba Peuls babeshejweho n'ubworozi barakunze gushamirana cane.

Muri ako karere nyene mu kwezi kwa gatatu kw'uno mwaka, aba Peuls barenga 130 barishwe n'abantu bitwaje ibirwanisho bari bambaye impuzu kama z'aba Dogon.

Imishamirano hagati y'izo mpande zibiri yariyongereye kuva hadutse imigumuko itewe n'umurwi ugendera mu vyiyumviro bikaze vya ki isilamu mu buraruko bwa Mali mu mwaka wa 2012.

Imbere y'aho, imishamirano hagati y'aba Peuls n'aba Dogon yamye itorerwa umuti biciye mu mwumvikano, ariko iyo migumuko yatumye ibintu bimera nabi kubera ibirwanisho vyakwiragiye hose.

Uruhande rumwe rumwe rwagiriza urundi ko arirwo rwatanguje intambara.