Ubuyapani bwagabishijwe kudakena ibiyeri mu gikombe c'isi ca rugby

Abakunzi ba rugby bari kurorera urukino muri Irelande y'uburaruko mu 2016

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubuyapani ngo ntibumenyereye umugenzo w'isano riri hagati ya rugby n'inzoga z'ibiyeri

Abajejwe gutunganya inkino z'igikombe c'isi c'umukino wa rugby bahanuye imiji izokwakira izo nkino mu Buyapani kuzokwiyubara ntikene inzoga y'ibiyeri.

Umuvugizi yavuze ko mu Buyapani badategera neza umuco w'umukino wa rugby kw'isano ufitanye n'inzoga.

Ngo bategerezwa kwitegura neza ku buryo ata muji canke ikibuga c'inkino kizokama inzoga.

Aho ni mu gihe abakunzi ba rugby bavuye hanze bashika ibihumbi amajana ane, ari bo bitezwe kuja mu Buyapani kurorera izo nkino.

Uruno hagati ya Argentine na Afrika y'epfo mu 2016

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubuyapani nibwo buzokwakira inkino z'igikombe c'isi ca rugby uno mwaka

Amahinguriro yenga inzoga mu Buyapani yahanuwe kwongera inzoga ahingura mu kiringo c'iryo higanwa.

Babwiwe kandi kuboneraho akaryo ko kumurika ibiyeri bihingurirwa mu Buyapani nka Kirin na Sapporo.

Ubuyapani nibwo buzokwakira inkino z'igikombe c'isi ca rugby z'uno mwaka zizotanguzwa n'urukino hagati y'Ubuyapani n'Uburusiya, itariki 20 z'ukwa cenda.