Coca-Cola igiye gukora ikinyobwa c'umwambiro

Ikinyobwa Coca-cola kiragurishwa cane muri Afrika

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Ikinyobwa Coca-cola kiragurishwa cane muri Afrika

Ikigo c'ibinyobwa Coca-cola kigiye gukora ikinyobwa kirimwo umwambiro ubwa mbere mu myaka 125 kimaze kivutse - inzoga izoba ishaka kumera nka alcopop yo mu Buyapani.

Coca-cola ifatira akarorero ku kinyobwa co mw'igopo citwa Chu-Hi kirimwo umwambiro bita shoshu.

Ico kinyobwa kinugwanugwa gukogwa ngo kizoba gifise umwambiro uri hagati ya 3% na 8%.

Umutegetsi wa Coke mu Buyapani yavuze ko iyo ntambwe ariyo "kugeragereza ku gace gato k'isoko ryabo".

"Ntitwari bwakorere ku binyobwa vy'umwambiro muto, ariko ni akarorero k'ukuntu tuguma turondera gukoresha akaryo turonse tukaja hanze y'ivyo tumenyereye,"niko Jorge Garduno arongoye Coca-cola mu Buyapani yavuze.

Ntibiramenyekana ko ico kinyobwa kizogurishwa hanze y'Ubuyapani, niko yavuze.

Inzoga bafatirako akarorero yitwa Chu-Hi, inyobwa n'ababa bipfuza kunywa ibiyeri, ikundwa cane n'abagore.

Amashirahamwe akomeye y'ibinyobwa mu Buyapani Kirin, Suntory na Asahi arimwo ico kinyobwa Chu-Hi, ariko akaguma arondera guhindura akanovera.

Akanovera gakundwa ni ak'indimu, imizabibu, "pomme" na "pêche".

Coca-cola yipfuza gukora ikinyobwa gisosa ariko kirimwo umwambiro nka kurya kwa Hooch, Reef, Smirnoff Ice n'izindi.

Abantu bafise ariko amakenga ko mwenizo nzoga zishobora gutuma urwaruka runywa umwambiro mwinshi, bitewe nuko banywa nyinshi kubera ko zoroshe kunywa.