Amazina y'inzoga muri Afrika y'epfo yateye agashavu bamwe

Ihinguriro ry'inzoha muri Afrika y'epfo ryasavye ikigongwe kubera amazina y'inzoga zaryo nshansha z'ibiyeri, abonwa nk'ayatyoza igitsina gore.
Vale Bru ryavuze ko rizokura kw'isoko inzoga zifise amazina nka Easy Blonde, Filthy Brunette na Ripe Redhead, wogereranya mu kirundi nka "Uw'inzobe Atagorana", "Makwakwa yirabura" na "Mutwe utukura anuze".
Abantu benshi bagizwe ahanini n'abagore, bariyamirije bivuye inyuma ayo mazina babicishije ku mbuga hwaniro.
Ihunguriro Vale Bru ryavuze ko ritigeze rigira intumbero yo kugaya canke gutyoza abantu.
Ryatumiye abagore kuza bakaganira imbona nkubone n'iryo hinguriro ku vyerekeye ico kibazo, rivuga ko rizobazimana batikoze ku mufuko.






