Umuhungu w'umupolisi yafashwe ku caha co guturira amasengero y'abirabure mu ntara ya Louisiana

Holden Matthews

Ahavuye isanamu, Facebook/Holden Matthews

Insiguro y'isanamu, Holden Matthews yoba yashikirijwe abategetsi na se wiwe asanzwe ari icegera c'umukuru w'inyamiramabi

Abategetsi b'intara ya Louisiana muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bamenyesha ko umuhungu w'umutegetsi mu gipolisi yahagaritswe yagirizwa kugira uruhara mw'iturirwa ry'amasengero y'abirabure mu bumanuko bw'iyo ntara.

Holden Matthews w'imyaka 21 y'amavuko yahagaritswe ku munsi wa gatatu yagirizwa ivyaha bitatu bijanye n'uguturira amasengero.

Nta bantu bahasize ubuzima canke ngo bakomereke igihe ayo masengero yaturirwa, ariko ivyo vyibutsa ibihe bibi igihe abantu bariko barwanira agateka ka muntu.

Buramatari w'intara ya Louisiana, John Bel Edwards, avuga ko ivyo "bikorwa vy'ubugome" vyibutsa "akahise kabi karanzwe n'iterabwoba".

Uyo mutegetsi wo mu mugambwe w'abaharanira demokarasi avuga ko ico kibi cakozwe " n'umuntu yataye akaranga", yongerako ati: "Urwanko ntiruri mu mico ya Louisiana".

Butch Browning, arongoye urwego rujejwe kurwanya imiriro y'ivyaduka muri iyo ntara ya Louisiana, yabwiye abanyamakuru ejo ku wa kane ko icaha kimwe kimwe mu vyaha bitatu uyo musore yagirizwa bishobora kumutuma acirirwa umunyororo w'imyaka 15 kuri kimwe kimwe.

Bobby Guidroz, umukuru w'inyamiramabi muri paruwase ya Saint Landry muri iyo ntara, avuga ko icegera ciwe, Roy Matthews, ariwe se w'uyo musore Holden Matthews, "ata kintu na kimwe yari azi ku vyakozwe n'umuhungu wiwe" kandi ko "yababaye cane" yumvise iyo nkuru.

Bwana Guidroz avuga ko Roy Matthews we nyene ubwiwe ari we yafashije kugira ngo umuhungu wiwe afatwe, mu kumushikana ahantu igipolisi cashobora kumufata "ata ngorane".

Ayo masengero yaturiwe, n'ayo mu gisagara citwa Opelousas muri iyo ntara ya Louisiana, hari ku magenekerezo ya 26 z'ukwa gatatu, ya 2 na 4 z'uku kwezi kwa kane.

Ibisigarira vy'urusengero rwa paruwase St. Landry rwaturiwe

Ahavuye isanamu, CBS

Insiguro y'isanamu, Ibisigarira vy'urusengero rwa paruwase St. Landry rwaturiwe

Uyo yagirizwa gukora ico caha akaba aba muri ico gisagara kirimwo abantu ibihumbi 16.

Amasengero St Mary Baptist Church, Greater Union Baptist Church na Mount Pleasant Baptist Church yarahiye atatokombezwa n'uwo mucanwa.

Ishirahamwe ryitaho iterambere ry'abantu bafise urukoba rutera - National Association for the Advancement of Colored People (NAACP) - ribona ko iturirwa ry'ayo masengero "ari nk'iterabwoba" rikorerwa abantu badafise urukoba rwera.

Abategetsi bavuga ko atacotuma bibaza ko ico kibi coba gifitaniye isano n'irindi turirwa ry'urusengero rurwiriyemwo abazungu ryabaye ku wa 31 z'ukwezi kwa gatatu ruherereye mu karere k'amasaha makeya y'urugendo uvuye aho muri ico gisagara.