Abari mu myiyerekano birengagije umukwabu washizweho n’igisirikare, bagasaba intwaro y'abasivile

Ahavuye isanamu, EPA
Abantu isinzi babandanije imyiyerekano ku mugwa mukuru wa Sudani, Khartoum, mw'ijoro ryakeye, birengagije umukwabu washizweho n'igisirikare inyuma b'aho kibogoreje Omar al-Bashir.
Umunezero warangwa mu bari bihaye amabarabara ya Khartoum inyuma y'amakuru yavuga ko bwana Bashir yahagaritswe, wagiye kurangira aho abateguye imyiyerekano bahamagariye abari muri yo kubandanya bugarije ibiro bikuru vya gisirikare.
Abari mu myiyerekano bavuga y'uko inama nkuru ya gisirikare yabogoreje bwana Bashir ejo ku wa kane igizwe n'abari basanzwe ku butegetsi bwiwe.
Sara Abdeljalil wo mw'ishirahamwe ry'abahinga - Sudanese Professionals' Association (SPA) - avuga ati: " Iyo ni ya ntwaro nyene ibandanya. Ico dukeneye gukora, ni ukubandanya urugamba n'ukwiyamiriza ubu butegetsi mu mahoro".

Ahavuye isanamu, EPA
Itangazo ryasohowe n'iryo shirahamwe SPA, rivuga riti: "Abo basambuye igihugu bakagandagura abantu bariko barondera kwiba icuya n'amaraso y'Abanyasudani yasesetse mu rugamba rwo kwikurako itwaro y'agahotoro".
Mu ntango, SPA yari yamenyesheje ko intwaro mfatakibanza iy'ari yo yose itegerezwa gushira ku ruhande uwari we wese avuye mu "ntwaro y'agahotoro".

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Hari ubwoba ko iyo myiyerekano mishasha ishobora kuvamwo ugutana mu mitwe hagati y'abari muri yo n'igisirikare.
Umunyamakuru wa BBC Will Ross avuga ko hari kandi n'ubwoba ko bamwe mu bajejwe umutekano n'imirwi yitwaje ibirwanisho bashobora kurasana.
ONU isaba gutekana no kwigumya
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, António Guterres, asaba impande zose "gutekana n'ukwigumya", be n'uko hoshingwa itwaro mfatakibanza yokwubahiriza "ivyipfuzo vy'intwaro rusangi" isabwa n'abanyagihugu.
Vyitezwe ko kuri uyu wa gatanu, inama nkuru y'umutekano mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakorana mu mwiherero kugira ngo bihweze ingene ibintu bimeze muri ico gihugu.
Umuryango w'ibihugu vy'ubumwe bwa Afrika wariyamirije iryo fatwa ry'ubutegetsi n'igisirikare, ukavuga ko atarivyo abanyagihugu ba Sudani bipfuza, kandi ko atariyo nyishu nyayo ku ngorane zihanze ico gihugu.










