Mukerarugendo w'umunye Amerika n'umushoferi w'umunya Uganda banyurujwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abajejwe intwaro muri Uganda bavuga ko umukerarugendo w'umunye Amerika hamwe n'umushoferi wiwe w'umunye Uganda banyurujwe n'abantu bitwaje inkoho muri parike ikunzwe cane.
Leta ivuga ko uwo munye Amerika n'umushoferi baguye mu mutego w'abantu bitwaje inkoho bane ku wa kabiri muri parike ya Queen Elizabeth National Park, iri hafi y'urubibe na Republika ya Demokrasi ya Kongo, ahantu bari imigwi yitwaje ibirwanisho.
Leta kandi ivuga ko abandi bakerarugendo bane bari bahari igihe uwo wundi yanyuruzwa bose bameze neza.
Umuvugizi yavuze ko igipolisi ca Uganda, igisirikare hamwe n'abajejwe ishamba bariko barakorera hamwe bagerageza kumenya aho abo bantu babiri bajanywe, babarekuze.
Mu mwaka uheze ubukerarugendo muri parike zihana urubibe na Kongo bwarahagaritswe nyuma y'aho abakerarugendo babiri b'Abongereza hamwe n'umudereva wabo banyururijwe, baza kurekurwa nyuma y'iminsi ibiri.






