Umuntu yafatanywe akagi k'ikiremwa muntu ku kibuga c'indege co mu Buhindi

An embryo

Ahavuye isanamu, SPL

Abategetsi bo mu Buhindi bariko barakora amatohoza kw'iyinjizwa ata mategeko akurikijwe ry'akagi k'ikiremwa muntu kari mu gasakoshi gatoyi k'abagore kafatiwe ku kibuga c'indege ca Mumbai.

Umuntu avuka muri Maleziya vyarashitse afatanwa akagi k'ikiremwa muntu yakanyegeje mu kabakure kugaye gakoze mu cuma kari mw'isakoshi yiwe italiki 16 z'ukwezi kwa gatatu.

Uyo mugabo yemeje ko ritari iryambere yinjiza hadakurikijwe amategeko utugi tw'ibiremwa muntu mu Buhindi, twafasha abategetsi bo mu nzego zo hejuru mu bitaro muri ico gisagara guhagarika ibibazo bijanye no kutavyara.

Ariko ivyo bitaro vyamiriye kure kugira uruhara murivyo.

Uyo muntu avuga ko yari ajanye ako kagi ka kiremwa muntu mu bitaro igihe bamubaza.

Rebecca Gonsalves, aserukira ubuyobozi bujejwe iperereza, busanzwe buriko burakora ayo matohoza, niko yabariye Sentare nkuru ya Mumbai ku musi wambere.

Nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru The Times co mu Buhindi, hatowe n'amajambo yanditse ari muvyo yisigura avuga.

Ariko Muganga Goral Gandhi afatwa nk'umuhinga mu bijanye n'utugi tw'ibinyamuzima, yavuze ko ivyo atari ukuri.

Umushingwamanza wiwe Sujoy Kantawalla yabariye Sentare ko ''uwo aburanira atinjiza mu gihugu utugi twa kiremwa muntu nk'akazi kiwe''.

Yahavuye yidogera abantu bamutoteza muribo harimwo n'abahiganwa nawe, nk'uko biri mu kinyamakuru l'Express co mu Buhindi.

Sentare yatanze itegeko ry'uko Muganga Gandhi azokwitaba sentare ubwiwe ku mu musi wa gatanu kugira abazwe.

Ubuhinga bujanye no gushira amagi ya kiremwa muntu mu bibanza vyo gupima bita laboratoire, bagaheza bakayashira mu gitereko c'umukenyezi akavamwo abana, bwarateye imbere cane mu Buhindi muri iyi myaka ya vuba.

Utugi twa kiremwa muntu turashobora kubikwa ahakanye imyaka myinshi, tukazokoreshwa n'abantu bakeneye kuba abavyeyi.

Ariko kwinjiza mu gihugu c'Ubuhindi utugi twa kiremwa muntu ntivyemewe n'amategeko kiretse uhawe uruhusha n'urwego rw'amagara y'abantu rujejwe ubushakashatsi.