R Kelly yarekuwe inyuma y'uko arishe imfashanyo yo kurera abana

R. Kelly

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, R. Kelly yari asubijwe mu gasho inyuma y'uko ananiwe gutanga imfashanyo yo kurera abana.

Wa umuririmvyi w'Umunyamerika Robert Kelly yarekuwe inyum,a y'aho arihiye amafaranga angana n'imiliyoni 161 yari yasabwe kugira afashe kurera abana.

Ibiro vy'umucamanza wo mu gace ka Cook vyatangaje ko ejo ku wa gatandatu mu gatondo ariho R Kelly yariha ayo mahera yari yasabwe aca ararekurwa haciye akanya gato.

Ntibiramenyekana uwoba yayamurihiye.

Uyo muririmvyi w'Umunyamerika w'umuziki wo mu bwoko bwa R&B asanzwe ari mu bibazo yari yagirijwe ivyaha icumi bikomeye vy'ihohotera rifatiye ku gitsina bivugwa ko yakoreye abantu bane, batatu muri bo bakaba bari abana.

Yarahakanye ivyo yagirizwa vyose hanyuma ararekurwa amaze iminsi itatu mu gasho.

Mu gihe yofatwa n'urubanza, ashobora gupfungwa kuva ku myaka itatu gushika ku ndwi kuri buri caha.

Yagiye gusubizwa mu gasho inyuma y'uko ananiwe gutanga imfashanyo yo kurera abana.

Asohoka ava mu gasho ku wa gatandatu, umumenyeshamakuru wa televiziyo ya CNN yo muri Amerika yashikirije ivyo yumvise Kelly avuga ati : " Ibi vyose tuzobikemura".

Uyo muririmvyi yari yamenyesheje ko yari yiteguye kuriha gushika ku bihumbi 60 vy'amadolari mu yo afitiye uwahora ari umugore wiwe, Andrea Kelly, n'abana batatu bafitaniye, ariko umucamanza yamusavye kuriha amahera yose aca ategeka ko aguma apfunzwe.

Uwumuburanira yari yamenyesheje ko uyo muririmvyi yari mu bibazo bikomeye vy'amafaranga.

R Kelly ahanganye n'isekeza rigamije kubuza abantu kwitaba ibiteramo akoresha, ni mu gihe n'amasezerano yo gukora umuziki aheruka gufutwa.

Iryo pfungwa ryiwe rya nyuma ryabaye inyuma y'ikiganiro yagiranye yarakaye cane na televiziyo CBS mu kiganiro citwa This Morning (Aka gatondo), kikaba ari co cari kibaye ica mbere kuva ahagaritswe mu kwezi kwa kabiri yagirizwa ihohotera rifatiye ku gitsina.