Uwutavuga rumwe na leta y'Uburundi Agathon Rwasa aranegura ingingo y’ukubabuza ibikorwa vyabo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi, umushingamateka Agathon Rwasa, aranegura abategetsi b'ico gihugu ku ngingo yo kubuza ibikorwa vy'umugambwe wiwe mushasha ku mugwa mukuru Bujumbura.
Avuga ko ivyo vyerekana ko hariho bamwe mu bari ku butegetsi bakirimwo agatima bari bafise mu gihe c'intambara.
Umugambwe mushasha Congrès National de Liberté, CNL, urongowe na Bwana Rwasa wari wateguye ibikorwa vy'ukwugurura ingoro y'umugambwe i Bujumbura ejo kuwa Mungu.
Mw'ikete yarungikiye umushingamateka Agathon Rwasa, umukuru w'igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, yamumenyesheje ko ivyo bikorwa bidashoboka kubera "imvo z'umutekano".
Avugana n'umumenyeshamakuru wa BBC i Bujumbura, Gildas Yihundimpundu, umushingamateka Agathon Rwasa avuga ko atamvo z'umutekano zabujije ibikorwa kuko ngo hari n'abandi bari bakoze ibikorwa nk'ivyo.
Avuga ati: "Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu n'umugambwe wiwe Uprona barakoreye ibikorwa mu Kamenge muri kino gisagara nyene ku musi wa gatandatu, sinumva ingene uwo mutekano woca uhungabana kubera twebwe tugiye gukora ibikorwa".
Bwana Rwasa avuga ko n'aho bitagenze uko babishaka, igikorwa cabo c'ugutanguza ku mugaragaro ibikorwa vyabo n'ukwerekana aho babikorera cabaye.
"Naho tutabitanguje ku mugaragaro vyaratanguye, kandi n'aho abantu batashoboye kubona aho dukorera, barazi ko tuhafise".
Agathon Rwasa avuga ko ivyabaye biri mu rugamba rukomeye rwo kurondera ukwishira n'ukwizana k'Umurundi.
"Twebwe rero ntibiduca inguvu canke ngo bitume turyama ngo dusinzire ngo n'uko batuburabuje, turabandanya ibikorwa vyacu gushika twinjire mu matora".
Abategetsi b'Uburundi bari babanje kwanka uwo mugambwe wa Bwana Rwasa, bamutegeta kubanza guhindura izina.
Umushingamateka Agathon Rwasa yahoze arongoye umuhari wari wafashe ibirwanisho kugira ngo urwanye ugutegetsi mu gihe Uburundi bwari mu ntambara yo hagati mu gihugu (guerre civile). Avuga ko umugambwe wiwe uzotegerezwa kuja mu matora y'umwaka uza










