Nyuma y'aho umugambwe wiwe wankiwe kwemezwa, Rwasa avuga ko ata wundi uriho bisangiye izina

Rwasa yabwiye abamenyeshamakuru ko umugambwe wiwe ata wundi bisa nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu
Insiguro y'isanamu, Rwasa yabwiye abamenyeshamakuru ko umugambwe wiwe ata wundi bisa nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu

Umunyapolitike Agathon Rwasa atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'u Burundi yahaye ikete ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati yishura ku kwanka kwemeza umugambwe FNL Amizero y'Abarundi.

Bimwe mu vyo umushikiranganji asigura mw'ikete ryiwe, vyanatumye yankira uwo mugambwe mushasha, ngo ni uko ibimenyetso bimwe vyawo n'ivyivugo bisa n'ivy'uwundi mugambwe usanzweho.

Ivyo umushikiranganji akavuga ko biteye kubiri n'itegeko ritunganya imigambwe mu ngingo ya 27.

Ariko Agathon Rwasa siko abibona, akavuga ati: "Twebwe ku bwacu twarakurikije ukwo amategeko abivuga. Kuko mu rurimi indome urashobora kuzipanga ukwo ushaka ukaziha insiguro ushaka. Nta wundi mugambwe rero twitiranwa.

"Ariko kubera ayo makenga bari bagize mu bushikiranganji, vyabaye ngombwa ko tubikorera akazi. Twari twazanye inyishu kuri urwo rwandiko ubushikiranganji bwari bwanditse. Twizeye ko bazoduha inyishu idushimisha".

Agathon Rwasa ashaka kwandikisha umugambwe mushasha mu Burundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Agathon Rwasa ashaka kwandikisha umugambwe mushasha mu Burundi

Uwo munyapolitike ariko ntiyatomoye neza ibiri muri urwo rwandiko, abamenyeshamakuru babimubajije yishuye ati: "Ibirimwo ni inyishu kuri ayo makenga y'ubushikiranganji. Aravuga ikijanye n'ibimenyetso, aravuga ikijanye n'icivugo.

"Twatanze inyishu kuri ivyo. Vyiza rero nuko abantu bogerageza kwumva yuko umwe wese afise uburenganzira bwiwe bakagerageza kubwubahiriza".

Agathon Rwasa yari yajanye mu bushikiranganji dossier y'umugambwe wiwe mushasha FNL Amzero y'Abarundi kw'igenekerezo rya 14 ukwezi kw'icenda uyu mwaka.