Mbega ni ibiki bigutwara umwanya mu buhinga bwa none, wobirwanya gute?

Umugabo asetswe n'umukobwa wiwe ari ku ruvuma mu gihe yasamariye smartphone

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umugabo asetswe n'umukobwa wiwe ari ku ruvuma mu gihe yasamariye smartphone

Imitwe yacu muri ino myaka irafise ingorane z'ukushira inguvu ku gikorwa kimwe, aho usanga tuva kuri iki tuja ku kindi umwanya wose.

Ntivyoroshe kwirengagiza gukura ibintu bimwe bimwe ku mbuga ngurukanabumenyi nka za Spotify, mu gihe nk'ugusoma amakuru vyo biza fifata akanya gato.

Hanyuma, hafi icakane c'abakoreweko icigwa mu mwihwezo wakozwe mu gihugu c'Ubwongereza bavuga ko bagize uruhara mu masanganya atumwa n'ukwiyibagira umuntu ariko aragenda: Kwunama, kuraba za smartphones ugasanga umuntu asetse ivyuma vy'amatara.

Bisa n'uko twinjiye mu kibazo c'uguta umutwe, ariko inyishu iriho. Mbega ni ibiki bituma dutakara?

Umuhinga mu vy'akahise, Rhys Jones, aragira amatohoza ku gishobora gutuma dutakara, akavugana na bamwe mubariko birwanako.

1. Ni iki gituma dutakaza intumbero y'ivyo turiko?

Nimba programu zo mu buhinga bwa none zama zikubwira ko hari ibigucitse, ushobora kwama ufise umutima uhagaze bikakunanira kwita no ku kazi uriko

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nimba programu zo mu buhinga bwa none zama zikubwira ko hari ibigucitse, ushobora kwama ufise umutima uhagaze bikakunanira kwita no ku kazi uriko

Imbuga hwaniro (Social media), abamenyekanisha ibintu vyabo, urubuga YouTube, programu nzo ku ngurukanabumenyi (apps): Amakompanyi y'ubuhinga bwa none yarize ingene bakamisha ibidutuma dutakaza intumbero kandi arabandanya adutwara umwanya kandi ku buhinga buhanitse.

Belinda Parmar yigeze kuba avugira cane ubuhinga bwa none ariko ubu akaba arajwe ishinga n'inkurikizi zabwo ku mitwe yacu, avuga ko "Hariho ihinguriro rikomeye ryiyemeje kudutwara intumbero, kandi abenshi ntitubona ko turiko turayitakaza".

"Ubuhinga bwa none, buguma butwereka y'uko bugomba butwegereze cane isi, ariko intumbero nyamukuru yabwo ni ukudutwara umwanya wacu wose".

Avuga ko amakompanyi amwe amwe, nk'ayahingura imbuga z'ukwinezereza Netflix, ntibanabinyegeza.

Parmar avuga ati: "Iyo Reed Hastings arongoye Netflix akubwiye ko uwo bahanganye wa mbere ari itiro, wategerezwa kwiyumvira".

"Nimba usa n'uwurwaye ingwara y'ukubura itiro, ubona hari ikindi woshobora kwitaho mu buzima?"

Parmar, ubu asanzwe arongoye ikompanyi The Empathy Business, aremera ko ubuhinga bwa none bufise ivyiza vyabwo, ariko kandi bukagira ico bwonona.

Belinda Parmar sitting on sofa

Ahavuye isanamu, Dan Bridge

Insiguro y'isanamu, Belinda Parmar aremera ko ubuhinga bwa none bufise ivyiza vyabwo, ariko kandi bukagira ico bwonona

Uwundi muntu nawe yafashe iyindi ntumbero ni James Williams yigeze kuba ari umukozi wa Google mu nyuma aza kubona ko intumbero z'amakompanyi akomeye zidahuye n'akarangamutima kiwe.

Avuga ati: "Hariho nk'ivy'ukwongereza cane bishoboka incuro umuntu ategerezwa gufyonda, gusoma, n'umwanya ategerezwa gukoresha imbuga zabo".

Mu gihe yabona ko yiziziwe n'ubuhinga bwa none, yaratinze abona ko adashobora kubandanya n'intumbero yiwe canke ngo aronke akanya ko kwiyumvira mu buzima bwiwe.

James avuga ati: " Bifate uku: turi abaja, hanyuma amakompanyi akomeye y'ubuhinga bwa none akaba ayatuganza".

Yitegereje ingene ibintu bimeze aca aheraheza avuga ati: " Mu gihe ca none, ubuja si ukuvuga ko ari ugukoreshwa mu vy'inguvu z'umubiri wacu, ariko ku gutakaza intumbero yacu".

N'aho programu nyinshi z'ubuhinga ngurukanabumenyi bwa none zikoreshwa ku buntu, ariko nazo zidutwara itunga nyamukuru mu buzima: Umwanya wacu.

2. Kubera iki dukunda ibidusamaza?

Akarwi k'abayabaga basa n'abari kumwe ariko batayaga mu gihe batwawe n'amatelefone yabo kw'ishure

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Akarwi k'abayabaga basa n'abari kumwe ariko batayaga mu gihe batwawe n'amatelefone yabo kw'ishure

Tim Wu ni umwigisha kw'ishure Kaminuza Columbia University akongera akaba n'umwanditsi w'igitabo The Attention Merchants: The Epic Scramble to Get Inside Our Heads.

Asigura igituma ukwama dukenera kuraba ama telefone yacu - umugenzo w'uko twama turiko turaba izo telefone mu gihe turindiriye imodoka, mu gihe turi mu cuma kirerura abantu mu magorofa, mu gihe turi mu kazu ka surwumwe, n'ibindi. Ivyo avyita"variable reward schedule".

Tim avuga ko izo nkabuzo zigenda zihinduka zizwi nk'uko ari zo zitugira abaja, nk'imashini z'amahera.

B. F. Skinner, umuhinga mu nyifato z'abantu akongera akaba umwigisha kuri kaminuza ya Harvard, niwe yazanye ico ciyumviro inyuma y'ibikorwa vy'umwihwezo yakoze.

Yerekanye ingene inuma zishobora kwama zija mu kibanza zama zironkeramwo intete n'aho zitaba zizi igihe izo ntete zibonekera.

Rero, kurya inuma zama zija mu kibanza zironkeramwo intete n'aho zitaba zizi igihe izo ntete zibonekera, niko natwe dufyonda telefone zacu, rimwe na rimwe tukababara ariko kandi rimwe rimwe tukaronka ikituryohera, kandi kikadutuma twama twipfuza gusubira.

Avuga ati: "Aha rero, uzosanga umaze amasaha n'amasaha, iminsi, canke mbere n'amezi ku bintu wahora ubona umengo nta kamaro".

None, hoba hariho uburyo bw'uko ubwenge bwacu bwoguma ku murongo?

3. Tworwanya gute ibitwiba imyanya yacu?

Illustration of a fragmented mind

Ahavuye isanamu, Getty Images

Nir Eyal ni umwanditsi w'umuhinga mu kumenyekanisha ibitabo vyiwe, yize ibijanye n'ingene ingeso zivuka, ubu akaba ari umuhinga mu vyerekeye inyifato y'abasomyi.

Arazi neza ubuhinga amakompanyi akoresha kugira ngo adusamaze ... kuko yaranigeze kwigisha ingene vyokorwa .

N'aho bisaba inguvu nyinshi, urashobora kwihagararako ukagumana intumbero yawe.

Ariko Nir avuga ko bisaba ko twiga ingene twokwicungera.

Avuga ati: "Leta yacu siyo izodutabara, basha, habe n'ayo makompanyi!"

Avuga ko vyoroshe kwirinda gutwarwa n'ibidusamaza mu gihe uzi ingene wobigenza, kandi arafise integuro yodufasha muri iyo ntumbero:

Intambwe ya mbere - Raba neza ivyotuma usamara

Mu gihe twatwaye n'ibidusamaza, mu bisanzwe turondera ingene twova muri ico kintu kidutuma twumva ko tutagononokewe.

Gerageza ugitorere umuti.

Intambwe ya 2 - Ruhurira umutwe

Gerageza urondere umwanya w'akaruhuko - gutyo ntabwo uzobona ko hari ikintu kiriko kigutesha umwanya.

Ni wihe umwanya kanaka uzoharira "imbuga hwaniro" (social media time).

Intambwe ya 3 - Igiza inyuma ibintu biva hanze vyogusamaza

Zimya ivyo vyose vyotuma ukanguka kuri telefone yawe, akarorero uturirimbo tukubwira ubutumwa (sms), uturirimbo tuvuga iyo baguhamagaye, eka ivyo vyose vyokwibutsa ico utegerezwa gukora.

Intambwe ya 4 - Fata ingingo kugira wigize inyuma ivyogusamaza

Rondera agakoresho ka none (App) kogerageza kugufasha kugabanya umwanya ukoresha kuri telefone.

Ikintu nyamukuru ni ukwimenya: mu gihe uzomenya ko uriko usamazwa na telefone yawe, uzoca utangura kuza urayiheba .

4. Guheba burundu gukoresha ubuhinga bwa none

A mother and toddler sitting on the floor, the boy on a tablet, the mother on a laptop. There's also a smartphone within reach.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Susan Maushart, umumenyeshamakuru wo mu gihugu ca Australia, akongera akaba n'umuvyeyi yari yaruhishijwe n'ingene ubuhinga bwa none bwiziziye umuryango, avuga ati:

"Twese ata n'umwe avuyemwo - abana n'abakuze - twaramaze gutwarwa - nubahuke kuvuga nti birenze urugero - n'amatelefone canke inyabwonko vyafashe ikibanza c'ukuganira tubonana mu maso mu yandi".

Avuga ko ikoreshwa ry'ubuhinga bwa none ryari ryifatiye umuryango wiwe, ari co catumye afata ingingo yo kuzimya vyose, inyabwonko na telefone, be n'amatara mu kiringo c'amezi atandatu.

"Naciye umuyagankuba. Nafashe ibikoresho vyose vy'ubuhinga bwa none, amateleviziyo yose n'inyabwonko zose ndabitekera hamwe nca ndenzako uburengeti ".

"Nashaka ko abantu babonana bakayaga amaso mu yandi. Nashaka ko bicara hamwe ku meza bagasangirira hamwe bitonze aho kurya banyaragurika ngo bihute basubire muri vya bintu vy'ubutumwa bugufi ku matelefone na za YouTube. Nipfuza ko umuryango usubira mu kibanza."

None vyarakunze?

Susan avuga ko habonetse akanya kisumbuye ko kuyaga, ariko ko abantu barambirwa.

Rero, n'aho vyamutumye yiyumvira ingene yokoresha vya bikoresho vyo mu buhinga bwa none, inyuma y'amezi atandatu agerageza, yaciye abisubirako. Aremeza ko umusi yasubira kwugurura ibikoresho vyiwe yumva umengo ni nko kuri Noweli.

None nimba kwugara vyose ataco vyafashije, ni ikindi giki cokorwa?

5. Gutunganya gushasha amakopanyi y'ubuhinga bwa none

James Williams yemera ko igikenewe kugira iyo ngorane ihere ari uko hoshingwa amategeko ngenderwako mashasha yogenga "amahinguriro y'ibikoresho vy'ubuhinga bwa none".

Avuga ati: "Dukwiye kwipfuza kuba mw'isi aho gushaka ko umuntu agusamarira gutyo gusa ari ibintu bidahesha iteka kandi ko vyoba bisa n'ugusasira indava ikibi".

Yongera amenyesha ko nimba amategeko ngenderwako ahari ataraba abajejwe ubuhinga bwa none, hari agahaze .

Afatiye kuri ivyo, yaciye ashinga umurwi yise Umwanya Ukoreshejwe Neza (Time Well Spent) - ari kumwe n'abandi batishimiye ibiva muri ubwo buhinga - akaba ari mu rugamba rwo guharanira ko amakompanyi ajejwe gukora ubwo buhinga bwa none yohindura ingene atunganya ibintu vyayo.

Avuga ati: "Ayo makompanyi avuga ko ashaka guhindura ubuzima bwacu ariko uravye ivyo atwononera mu kudusamaza birenze urugero ".

Mbega nimba ukuba maso atari ikintu gishobora kugurwa canke kugurishwa, ariko ari ikintu dufise ko uburenganzira bwose? Ubwo rero si amakompanyi y'ubuhinga bwa none ategerezwa guhinduka, ahubwo ni twebwe.

Belinda Parmar yabonye imbere y'igihe ingaruka z'ugutwarwa n'ubuhinga bwa none mu mibereho y'ubuzima bwacu, cane cane ku bana no ku bakiri bato.

Avuga ati: "Uri umuntu, ugerageza guhitamwo ico wiyumvira neza ko ari co gikenewe ... ariko uribagira y'uko inyuma y'irya app hinyegeje abashakashatsi, abahinga mu nyifato z'abantu n'abahinga mu vy'ugukora udukino bafise igikorwa nyamukuru co kugusamaza".

"Urwo ni urugamba utokwishoboza wenyene, cane cane uri umwana. None tworwanya gute ivyo bidutwara umwanya vyo mu buhinga bwa none?"