Abahoze ari abarwanyi 70 bo mu murwi M23 bari muri Uganda basubijwe muri Kongo

Ahavuye isanamu, AFP
Leta y'igihugu ca Uganda yatahukanye abanyekongo 70 bahoze mu mugwi M23, bari kumwe n'imiryango yabo, nk'uko vyashikirijwe n'ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Uganda n'ayandi makungu.
Itororokanirizo ry'amakuru AFP ryatangaje iyi nkuru rimenyesha ko abo bahoze ari abarwanyi batashe ku bushake bwabo inyuma y'imyaka itanu batsinzwe mu ntambara.
Abo batashe bose bahoze ari abarwanyi b'umurwi warwanya ubutegetsi bwa Kongo witwa M23.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Uganda n'ayandi makungu, Moses Kasujja, yabwiye AFP ko intumwa za ONU ari ho zari igihe burira indege ku kibuga c'indege ca Uganda i Entebbe.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umurwi M23 wari ugizwe n'abarwanyi biyonkoye ku gisirikare ca Kongo bivuye ku migumuko yabaye mu kwezi kwa kane kw'umwaka wa 2012.
Bari bagizwe ahanini n'abo mu bwoko bw'abatutsi barangwa mu buseruko bwa Congo, basanzwe ari bake ariko bakagira ubucuti n'abategetsi b'Urwanda.
Urwanda rwaragirijwe gushigikira umugwi M23, ibintu rutigezwe rwemera ku mugaragaro, uwo mugwi ukaba waraje kuneshwa n'ingabo zihariye z'umugwi wa ONU uhagarariye amahoro muri Kongo mu 2014.
Abashika mu majana baciye bahungire mu Rwanda no muri Uganda, baca begeranirizwa mw'ikambi ziri muri ivyo bihugu.
Abo 70 basubijwe mu gihugu cabo kuri uyu wa kabiri sibo ba mbere, kuko bakwije igitigiri ca 316 c'abamaze gutahanwa.










