MTN ivuga ko itazi igituma umukuru wayo, Wim Vanhelleputte, yirukanywe muri Uganda

MTN

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, MTN yagirizwa na Uganda ko ihungabanya umutekano w'igihugu

Ishirahamwe ry'ugutumatumanako amakuru ryo muri Afrika y'Epfo, MTN, rivuga ko ritazi icatumye umukuru waryo muri Uganda yirukanwa.

Amakuru yava muri Uganda mw'ijoro ryo ku musi wa kane yavuga ko Wim Vanhelleputte, asanzwe aturuka mu gihugu c'Ububiligi, yatwawe ku nguvu ku kibuga c'indege ategekwa kwurira indege no kuva mu gihugu.

Abategetsi bamenyesheje ko iryo yirukanwa rifitaniye isano n'amatohoza ku nkuru zivuga ko abakozi b'iryo shirahamwe boba bafise uruhara mu bikorwa vy'uguhungabanya umutekano w'igihugu ca Uganda.

Mu kwezi kwa mbere, abandi bakozi batatu bari mu barongoye iryo shirahamwe muri Uganda barirukanywe.

Ico gihe, Elsa Mussolini yari arongoye igisata c'ukurungika n'ukwakira amahera ku ma telefone ngendanwa yavuze ko yirukanywe yagirizwa ko yafashije mu buryo bw'amafaranga umunyepolitike atavuga rumwe na leta Bobi Wine.

Ariko ishirahamwe MTN, risanzwe rikorero muri Afrika no mu burasirazuba bwo hagati, rivuga ko ata nsiguro riraronswa kw'iyirukanwa ry'umukuru waryo muri ico gihugu ca Uganda.

Iryo shirahamwe riracafitaniye ibibazo n'ubutegetsi ku vyerekeranye no kwongereza igihe c'uruhusha rwo gukorera muri ico gihugu.

Prezida Yoweri Museveni wa Uganda avuga ko atabona icatumye ikigo ca leta kijejwe kugenzura itumatumanako ry'amakuru kivana urwo ruhusha ku miliyoni ijana z'amadolari y'abanyamerika rukaja ku miliyoni 58.

Mu kwezi guheze, Prezida Museveni yabonanye n'umuyobozi mukuru w'ishirahamwe MTN, Rob Shuter, inyuma y'inama mpuzamakungu y'ubutunzi (World Economic Forum) i Davos mu Busuwisi.

Inyuma y'uwo mubonano, Prezida Museveni yamenyesheje ku rubuga rwa Twitter ko iryo shirahamwe ritegerezwa kwerekana ubutunzi bwaryo mu kigo ca leta ya Uganda kigenzura amasoko y'imitahe (Uganda Securities Exchange) kugira ngo zimwe mu nyungu zaryo zigume mu gihugu.

Yagirije kandi ishami rya MTN muri Uganda ko ryerekanye make mu manomero yose y'abahamagaye ku ma telefone mu ntumbero yo gukwepa amakori.

Mw'itangazo iryo shirahamwe ryasohoye, ryamenyesheje ko ryiyemeje kwubahiriza no gukora ryisunze amategeko ajanye no gukorera muri Uganda.