Ishirahamwe ryo mu Bwongereza risaba ko abakenyezi bava mu miryango yigeze kurwara kanseri y'ibere boyipimisha kare

Kwipimisha kanseri y'ibere

Ahavuye isanamu, Science Photo Library

Abakenyezi bakiri bato bava mu miryango yigeze kurwara kanseri y'ibere botegerezwa kwama bipimisha buri mwaka kugira bamenye hakiri kare ko boba bayirwaye.

Iyo ni impanuro itangwa n'ishirahamwe Breast Cancer Now ryo mu gihugu c'Ubwongereza rirwanya iyo kanseri.

Muri ico gihugu, abagore bava mu miryango yigeze kurwara kanseri batangura kwipimisha iyo ndwara kuva ku myaka 40.

Ariko ivyigwa vyakozwe ku buryo bwatanzwe n'iryo shirahamwe, vyerekanye ko abagore bari hagati y'imyaka 35 na 39, bizwi ko aribo babangamirwa cane, bari bamaze gufatwa n'iyo ndwara inyuma y'ibipimo bagiriwe buri mwaka.

Umupfasoni Delyth Morgan arongoye iryo shirahamwe, asaba leta y'Ubwongereza ko yosubiramwo integuro y'igisata citaho ubuvuzi muri iki gihugu ijanye n'ugupima indwara za kanseri kugira ngo abakenyezi bava mu miryango yigeze kurwara iyo ndwara bashobore gupimwa hakiri kare, hagati y'imyaka 35 na 39.

Ivyo vyigwa vyakozwe n'ishure kaminuza rya Manchester ku bakenyezi 2899 bari hagati y'iyo myaka bikekwa ku rugero ruri hasi canke hejuru gushobora gufatwa n'iyi kanseri, vyerekanye ko abashika 35 bari bafise ibivyimba vyashobora kuvamwo iyo ndwara.

Gareth Evans, umwigisha kuri iyo kaminuza ya Manchester yari arongoye ivyo vyigwa, avuga ko gupima abakenyezi bari hagati y'iyo myaka buri mwaka vyagize akamaro kanini cane kuko vyashoboye gutuma babona hakiri kare ibivyimba bishobora kuvamwo kanseri.

Iryo shirahamwe rivuga ko ibipimo vya buri gihe nk'uko bisabwa n'abaganga, ari vyo vyonyene vyofasha abakenyezi bikekwa ko bashobora gufatwa n'iyi ndwara ya kanseri y'ibere canke bashobora kugira ibivyimba bishobora kuvamwo iyo ndwara.