Sierra Leone yahagurukiye ingeso yo gufata abakobwa ku nguvu

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'igihugu ca Sierra Leone Julius Maada Bio yavuze ko ingeso yo gufata ku nguvu no guhohotera bishingiye ku gitsina ko bikwiye gushigwa mu bibazo vyihutishwa.
Yavuze ko abazokwagigwa n'ivyaha vyo guhumbisha abana bazohabwa igihano co gupfungwa ubuzima bwose.
Iyo ngingo ifashwe mu gihe abanyagihugu baherutse kwiyamiriza ihohotera ry'umwana w'imyaka itanu, yasambanishijwe ku nguvu n'incuti yo mu muryango.
Uwo mwana yaciye amera nk'uwatimvye uruhande inyuma yo gukoregwa ayo mabi.
Igipolisi kivuga ko igitigiri c'amabi ashingiye ku gitsina muri Sierra Leone kimaze kwikuba kabiri, kikaba kigeze ku 8500 cahora ku 4750 mu mwaka uheze.
Umukuru w'igihugu abivugako iki?
Perezida Bio yabwiye umumenyeshamakuru Umaru Fofana, ko hagiye gukoreshwa uburyo bwose butegekanywa n'amategeko mu guhagarika iyo ngeso.
Yavuze ko uwuzofatwa yahumbishije umwana azotabwa mu mvuto ubuzima bwiwe bwose.
Yongeye amenyesha ko hagiye gutunganywa igisata gihambaye c'igipolisi, kizotohoza ku mabi ajanye n'ihohotera rishingiye ku gitsina, hamwe n'abacamanza b'umwihariko ba mwen'izo manza.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umaru Fofana akorera Freetown, yavuze ko kuba iyo ngeso yashizwe mu vyihutira kugwanywa, bisigura ko hari amahera agiye gutegurigwa ico gikorwa.
Avuga ko uwo mugambi uzotuma Perezida adakenera inama nshingamateka, ari nayo mu bisanzwe yemeza ko amategeko ahindugwa.
Abanyagihugu babivugako iki?
Abaharanira amateka bavuga ko hakurikiranwa abantu bake cane.
Igipfungo gitegekanijwe c'imyaka itanu gushika kuri 15 ku bafashe abakobwa ku nguvu, ntigikunze gukurikizwa.
Mu mwaka uheze, umugabo w'imyaka 56 yafashe ku nguvu umwana w'umukobwa w'imyaka itandatu, ariko apfungwa umwaka umwe.
Ingeso yo gufata abakobwa ku nguvu hamwe n'ihohotera rishingiye ku gitsina vyatanguye igihe c'ingwano yo muri Sierra Leone hagati y'i 1991 n'i 2002.










