War'uzi ibihugu birya inyama gusumba ibindi kw'isi?

Umwigeme arya umukate w'inyama

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwigeme arya umukate w'inyama

Kumbure ufise kuba wumva bamwe bavuga ko bahevye canke bagabanije kurya inyama, abenshi bakabigira cane cane ku mpamvu z'amagara, ariko womenya ko igitigiri c'abarya inyama ciyongeye. Abaminuje bari mu bihe bihugu?

Mu bihugu bimwe bimwe bafata ingingo yo kutarya inyama mu ntumbero yo kubungabunga ibidukikije, ahandi naho ngo bubahiriza agateka k'ibikoko.

Ica gatatu c'abongereza bavuga ko bahagaritse burundu canke bagabanije kwihereza inyama, mu gihe ibice bibiri kuri bitatu vy'abanyamerika nabo bavuga ko mu gihe bihereje inyama bashobora gufungura n'akamanyu gatoya k'inyama.

Ariko rero, ikizwi coco n' uko igitigiri c'abafungura inyama kw'isi ciyongereye incuro 5 muri iyi myaka 50 irangiye, aho cavuye ku matoni imiliyoni 70 y'inyama zaribwa mu myaka ya 1960-1970, ubu kikaba kigeze ku matoni imiliyoni 330 y'inyama ziribwa.

None vyoba biva kuki?

Abahinga bavuga ko kimwe mu bituma ari uko abantu biyongereye hafi ncuro zitatu, vyumvikana ko abafungura inyama biyongereye. Ikindi ngo ubutunzi bwagiye bwiyongera, bigatuma ubushobozi bw'ukugura inyama bwiyongera.

Muti none ni ibihe bihugu bifungura inyama gusumba ibindi?

Ibiharuro vya nyuma vyasohotse mu mwaka wa 2013 vyerekana ko ibihugu vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Australia biza kw'isonga, bigakurikirwa n'ibihugu vya Nouvelle Zélande na Argentine aho biboneka ko ku mwaka umunyagihugu umwe afungura ibiro birenga 100 vy'inyama ku mwaka, bigereranywa n'inkoko 50 canke igice c'inka kuri buri muntu.

Ivyo biharuro vyerekana ko ibihugu vy'Uburayi bw'uburengero bifungura cane inyama, aho umuntu umwe afungura ibiro hagati ya 80 na 90 ku mwaka.

Ivyo biharuro vyerekana ko ibihugu bikenye inyama zitaribwa ku rugero runini, kubera amikoro make. Nko mu gihugu ca Ethiopiya ufatiye ku munyagihugu abayabaye, usanga umwe ashobora gufungura ibiro 7 vy'inyama ku mwaka, mu gihe umunyarwanda afungura ibiro 8, umunyanigeria nawe ashobora gufungura ibiro 9 ku mwaka.

Igihugu c'Ubuhindi nico kizwi ko gifungura inyama nke kw'isi, aho umwe ashobora gufungura ibiro 4 gusa ku mwaka. Ivyo ngo bikava kw'idini ryabo ribabuza gufungura ubwoko bumwe bumwe bw'inyama.