Amatora ashobora kwungururizwa ku rindi sango muri RD Congo

Gutanga hose ibikoresho vy'amatora ni ikibazo gikomeye muri RD Congo

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Gutanga hose ibikoresho vy'amatora ni ikibazo gikomeye muri RD Congo

Umuvugizi w'akabana kajejwe amatora muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), Jean-Pierre Kalamba yabwiye BBC ko vyoshika amatora yo ku munsi wa Mungu akungururizwa ku rindi sango.

Yavuze ko mu gihe ibikoresho bikenewe mu matora vyoba bitaregeranywa ko vyoba vyiza ko amatora yunguruzwa iminsi mike hakwihutira kuja mw'ico gikorwa.

Mu ndwi iheze, umuriro warateye ububiko bw'akanama kajejwe amatora, bibiri vya gatatu vy'amamashini yokoreshejwe mu gisagara ca Kinshasa arononekara.

Igihugu ca RD Congo kingana n'Uburaya bwo mu burengero - gushikana ibikoresho ku biro vy'amatota 75000 bisanzwe bitoroshe.

Abitoreza kuba umukuru w'igihugu ca Kongo

  • Ari mw'idini ry'aba Kristu
  • Azwi nk'"umusirikare w'abanyagihugu" ku kuntu yatunganije imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Joseph Kabila
  • Yakoreye ishirahamwe Exxon Mobil imyaka 20, aja mu zabukuru mu 2003 ari umuyobozi mukuru w'ibiro biri muri Ethiopia
  • Yatorewe kuba umushingamateka mu 2006 no mu 2011
  • Yatanguje umugambwe uharanira inyungu z'abanyagihugu n'iterambere (ECIDE) mu 2009"
  • Yavutse itariki 29/11/1960, I Kasongo mu buseruko bwa Kongo
  • Amaze igihe kinini akorana vya hafi na Prezida Kabila
  • Yabaye umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu 2016
  • Yafatiwe ibihano n'ishirahamwe rya Buraya rimwagiriza guhohotera abantu bari mu myiyerekano
  • Bivugwa ko ari umuntu atagira ikinya, bimuviramwo gutazirwa Ndabishikana""

Akanama kashikirije ivyo mu gihe ku munsi wa Gatatu abajejwe intwaro nabo basohoye ingingo yo guhagarika kwiyamamariza mu muji wa Kinshasa ku mvo z'umutekano.

Iyo ngingo yatangajwe hasigaye amasaba makeyi gusa ngo umukandida atavuga rumwe na leta, Martin Fayulu, aremeshe igikorane co kwiyamamaza.

Umukuru w'igisagara ca Kinshasa, Andre Kimbuta, asanzwe ari umunywanyi w'umugambwe uri ku butegetsi, yavuze ko abo yise intagondwa bamaze gucengera mu migambwe yose.

Congo ntiyaribwabone ibisikanya ku butegetsi ribaye mu mahoro... aba nibo baramukijwe ico gihugu kuva cikukira
Insiguro y'isanamu, Congo ntiyaribwabone ibisikanya ku butegetsi ribaye mu mahoro... aba nibo baramukijwe ico gihugu kuva cikukira

Ngo bariko barategura guteza akaguma i Kinshasa, ahasanzwe hagwiriye abatavuga rumwe na leta.

Mu gihe umukuru w'igihugu Joseph Kabila agomba gusubirizwa, ano matora afise akamaro kanini cane kuko buzoba ari ubwa mbere habaye ukubisikanya biciye mu matora muri Kongo.

Ukubisikanya ku butegetsi kwagiye kuraba mbere, kwamye gukurikirwa n'ubwicanyi bukomeye.