'Igitangaro' c'umwana w'imisi itandatu yakize Ebola muri RD Congo

Ahavuye isanamu, Ministere de la Sante RDC
Umwana w'uruyoya yatowe Ebola amaze imisi itandatu avutse yayikize nk'uko vyemezwa n'abategetsi mu vyo amagara y'abantu muri RD Congo.
Nyina wa Benedicte yari yanduye Ebola aca yitaba Imana ariko aramwibaruka.
Benedicte yerekanye ibimenyetso ko yanduye uwo mugera inyuma y'imisi mike, bica bifata indwi zitanu zo kumuvura umunota ku wundi kugira agume ari muzima.
Se wa Benedicte na nasenge bamutahanye ku musi wa gatatu.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu yabwiye BBC ati:"Se wiwe Thomas yari anezerewe cane... ni we mwana wiwe wa mbere."
Ebola n'ingwara yica ifise ibimenyetso vyo kugira umuriro mwinshi, kuyogwa, gucibwamwo, no kuva amaraso imbere mu mubiri n'inyuma.
Igice c'abamaze kwandura iyo ngwara barapfuye, kandi abana ni gake bakira.
Umugwayi muto cane gusumba abandi
Kuva iyo ngwara yadutse, abana bashika 27 ni bo bamaze kwandura iyo ngwara batarashikana umwaka, 21 muri bo bakaba barapfuye.
Abana bakiri bato bakira iyo ngwara nka Benedicte, bishika gake cane.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yavutse itariki 31 z'ukwezi kwa cumi 2018 aca aja kuvurigwa mu kigo kivura Ebola i Beni, igisagara kigeramiwe cane n'iyo ngwara muri RD Congo.
N'umwana wa mbere muto gusumba abandi abaganga n'abitanga ku bushake bwabo bavuye agakira.
Uwo mwana w'uruyoya ubu azwi kw'izina rya "igitangaza c'i Beni".










