Abarenga 200 nibo bamaze guhitanwa na Ebola muri Congo

Umuvuzi atera urucanco rwa Ebola

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abavuzi bariko batera incanco abanyagihugu ngo bagwanye igwirirana ry'ico kiza

Abantu barenga 200 nibo bamaze gupfa bahitanywe n'ikiza ca Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, nkuko abo mu gisata c'amagara y'abantu babishikiriza.

Igice c'abapfuye n'abo mu gisagara ca Beni kiri mu ntara ya Kivu y'uburaruko kibamwo abanyagihugu 800000, nkuko ubutegetsi bw'igihugu bw'amagara y'abantu buvuga.

Mw'isekeza ryo gucandaga, abanyagihugu 25000 nibo bamaze kuronka urucanco.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu Oly Ilunga yavuze ko inyeshamba zitwaje ibigwanisho ziguma ziburagiza imigwi y'abavuzi.

Mu kwezi kw'icenda, ibikogwa vyo gucandaga vyarahagaritswe vy'agateganyo, igihe umugwi w'inyeshamba ugabiye igitero camaze amasaha menshi.

Igihugu ca Congo kimaze imyaka myinshi kirangwamwo ingwano n'indyane za politike.

Ikiza ca Ebola cadutse mu kwezi kw'indwi kigira ic'icumi cibasiye igihugu kuva mu 1976.

Uwo mugera umuntu yandura aruko atarukiweko n'amama avuye ku mubiri w'umuntu awusanganywe, urashobora kwica.

Mu cegeranyo giheruka gusohogwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu, bivugwa ko hari abantu 291 bamaze kuwandura, 201 bakaba bamaze kwitaba Imana.

Ikarata yerekana akarere ka Beni
Insiguro y'isanamu, Ikarata yerekana akarere ka Beni

Umugwi w'inteko za Onu zifasha gucungera amahoro n'umutekano muri Congo, usaba imigwi y'abagwanyi kutaburagiza ibikogwa vy'abavuzi bagwanya ico kiza.

Bwana Ilunga yavuze ku munsi wa gatanu ko imigwi y'abavuzi yama yagabweko ibitero, igakubagugwa, ibikoresho vy'akazi bikononwa, abavuzi bakanyuruzwa.

"Babiri bo mu mugwi wacu wo gutabara abasinzikaye barishwe muri ivyo bitero," niko yabandanije avuga.

Mu ndwi iheze, umuyobozi mukuru w'igisata ca Onu citaho amagara y'abantu "Organisation Mondiale pour la Santé", Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko ikibazo c'umutekano kiri mu bibujije kugwanya neza ico kiza.