Umugore yiyita "umupfasoni wa perezida "ngo yambure abantu muri Nigeria yafashwe

Amina Mohammed

Ahavuye isanamu, Punch

Insiguro y'isanamu, Abakora amatohoza bavuga ko Amina Mohammed yanyonyoye umugwizatunga amahera $414.000

Umugore yakoresheje indangamuntu nyinshi z'ububeshi yipfuza kwinjira ku kirimba c'umukuru w'igihugu muri Nigeria ngo yambure abantu amahera yafashwe.

Igisata c'iperereza cavuze ko Amina Mohammed yabanje yiyita umupfasoni wa mbere wa Kogi, ngo ashobore kwinjira ku kirimba c'umukuru w'igihugu i Abuja.

Munyuma yaratumiye abantu kuza ku kirimba, abumvisha ko ari ubutumire bw'umupfasoni w'umukuru w'igihugu.

Mu nama n'itangazamakuru, Madamu Mohammed yakomye induru ati: "Ni ububeshi".

Peter Afunanya, umuvugizi w'iperereza ryo mu gihugu hagati muri Nigeria "Department of State Security" (DSS) yabwiye abamenyeshamakuru ko ivyo biterasoni vyabaye igihe umupfasoni wa mbere Aisha Buhari yari inyuma y'igihugu mu kwezi kwa 11 mu 2017.

Uwo muvugize yavuze ko umugwizatunga akomeye Alexander Chika Okafor yatumiwe ku kirimba na Madamu Mohammed, munyuma uwo mukenyezi amwambura amahera imiliyoni 150 z'ama Naira ($414.000, £323.000) ku masezerano yo kumugurishako inyubakwa iri mu gisagara ca Lagos.

Bwana Afunanya avuga ko "amatohoza yasanze isosiyete yavugwa itazwi n'umupfasoni wa mbere."

Avuga ko Madamu Mohammed "yorohewe bitewe nuko abategetsi nk'umupfasoni wa mbere, abashikiranganji n'abandi bategetsi badakunze gucishwa mu vyo kwakiranwa icubahiro canke gusuzumwa ku bijanye n'umutekano."

Aisha Buhari na Perezida Muhammadu Buhari igihe yimikwa

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umuryango w'aba Buhari wiyamamaje uvuga ko wipfuza kugwanya ibiturire

Umumenyeshamakuru wa BBC, Ishaq Khalid ari i Abuja avuga ko kubona haba ikibazo nk'ico gishingiye ku mutekano, vyatumye abo ku kirimba bagwa mu gahundwe, mu gihe ico kibanza kizwi ku izina rya Aso Rock kiba gicungerewe cane n'inteko zo muri "Department Of State Services" (DSS) n'igipolisi.

Avuga ko abahakorera bose basabwa kugira amakarata y'uburenganzira, arimwo n'ayakozwe hisunzwe amakanda y'intoke, kandi abashitsi bose bagategerezwa gushigwa mu gitabu.

Mu kwezi kwa Cenda, abo muri DSS barafashe umwe mu bafasha b'umupfasoni wa mbere aterereza amahera ku mvo z'ububeshi. Uwo mugabo yarahakanye ivyo aregwa.

Perezida Muhammadu Buhari, azokwitoza ubwa kabiri mu kwezi kwa Kabiri, yaje ku butegetsi avuga ko yipfuza kugwanya ibiturire muri Nigeria.