Abagabo 10 bapfungiwe Unguja bazira kuja 'mu bugeni bw'abakundana basangiye igitsina'

Igipolisi ca Zanzibar muri Tanzania cahagaritse abagabo 10 bagirizwa kuja mu bugeni bw'abakundana basangiye igitsina.
Umupolisi mukuru yabwiye BBC ko abo bantu bahagaritswe ku musi wa gatandatu mw'ijoro i Pongwe Beach.
Bose ko ari cumi bapfungiwe i gituro c'igipolisi ca Chakwa mw'izinga rya Unguja, izinga rinini muyagize Zanzibar, kandi bakaba bataragirizwa icaha na kimwe.
Igipolisi ngo cahawe inkuru yerekeye ubwo bugeni n'abanyagihu.
Abandi bagabo batandatu barirutse barasiga igipolisi igihe caza kubafata ahariko harabera ubwo bugeni, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International.
Icegera c'uwurongoye iryo shirahamwe mu karere k'ubuseruko bwa Afrika, Seif Magango yavuze ko 2bisiga ubwenge kubona kwicarana n'umuntu gusa bishobora kukuviramwo kwagirizwa icaha."
Yongeyeko ko atinya ko abo bagabo boba bategetswe kugirwako ibipimo vyo kigo aca anasaba igipolisi kubarekura "ubwo nyene".
Ivyo vyabaye inyuma y'indwi imwe gusa, Paul Makonda arongoye umugwa mukuru w'ubutunzi wa Dar Es Salaam, asinze umugwi ugenzura ukongera ugatuza abakundana basangiye igitsina.
Reta ya Tanzania, ibicishije mw'itangazo ry'ubushikiranganji bw'imigenderanire yaritandukanije n'iyo ngingo ivuga ko "Makonda yashikirije gusa ivyiyumviro vyiwe", atari politike ya reta.










