Isinzi ry'abimukira ririko rirava ku rubibe rwa Guatemala na Mexique rigana Amerika

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abimukira ibihumbi n'ibihumbi bavuye mu bihugu vya Amerika yo hagati bagerageza kwinjira muri Amerika basubiye gutangura urugendo bava mu bumanuko bwa Mexique bagana ku rubibe rwa Amerika.
Kare ca ne ku wa mungu, urukurikirane rw'abimukira rwatanguye gutambuka bagana uburaruko bava mu gisagara ca Ciudad Hidalgo kiri ku rubibe.
Abategetsi ba Mexique bari bagerageje kubahagarika ku gitarugwa kiri hagati ya Mexique na Guatemala.
Ariko bamwe barashoboye kujabuka muri Mexique binyegeje bakoresheje ubwato mu ruzi rwa Suchiate.
Uwo mugwi, ugizwe ahanini n'abo muri Honduras bavuga ko bariko barahunga ubwicanyi n'ubukene, hakaba harimwo abagore n'abana.
Itororokanirizo ry'amakuru rya Associated Press rivuga ko abimukira 2.000, bemeje mu gushira ikiganza hejuru, kubanya urugendo rwabo.
Bavuze bati:"Reka tubandanirize hamwe. Turabishoboye."
Abategetsi ntibababujije kubandanya.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abandi bimukira baracarundanye ku rubibe barindiriye kwinjira muri Mexique bakurikije amategeko.
Abategetsi ba Maexique bahaye ubuhungiro imigwi mito mito, banabaha n'uruhusha rwo kuba muri ico gihugu imisi 45.
Bamwe bemeye kuja mu mamodoa yateguwe n'ubutegetsi bwa Guatemala i Tecum Uman yo kubasubiza muri Honduras ku bushake.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Umwimukira umwe afise ukuguru k'ugukorano, yabwiye umunyamakuru wa BBC Ana Gabriela Rojas ko ategerezwa gushika muri Amerika.
"Ndondera ubuzima bwiza ku bana banje. Biragoye ariko utegerezwa kugwana kugira uronke ivyo wipfuza.
"Nsaba prezida Trump kudufasha ... abantu nkanje...bashaka kugerageza kubaho.
Prezida amaze kugabisha kenshi abo bimukira ngo basubire inyuma, agabisha ko azugara urubibe rwa Amerika no kugabanya imfashanyo igenewe ibihugu bireka urwo rukurikirane rw'abimukira rukarengana.
Ku rubuga rwa twitter ku musi wa Mungu, yavuze ko utwigoro turiko turakorwa mu "guhagarika abo bimukira badakurikije amategeko." Yavuze ko urwo rukurikirane rw'abimukira rufise intumbero ya politike.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yavuze ati:"Urwo rukurikirane ni akamaramaza ku mugambwe w'aba demokrate. Hindura amategeko agenga abimukira UBU NYENE!"
Uwundi mugwi utandukanye w'abantu 1000 higanjemwo abo muri Honduras na wo wahagurutse ugana Amerika, batambuka n'amaguru bavuye i Esquipulas muri Guatemala.
Ku rubibe vyagenze gute?
Benshi mu bimukira bahenuye ibariyeri ku gitarurwa kiri ku ruzi rugabura Guatemala na Mexique.
Abapolisi b'abanye Mexique barenga mirongo ibiri bararashe ivyuka bikoroza amosozi kugira babasubize mu karere ata n'umwe agenzura, inyuma yo guterwa amabuye.
Abimukira batari bake basimbiye mu ruzi Suchiate kugira bashobore kujabuka, mu gihe abandi baciye basubira inyuma muri Guatamala abandi na bo bahitamwo kwicara kuri ico kiraro.
Bivugwa ko abantu benshi bahakomerekeye, harimwo abimukira, abapolisi n'abamenyeshamakuru.

Abategetsi ba Mexique bavuze ko abafise impapuro z'inziza zigikora kandi zirimwo uruhusha bashobora kwemererwa kwinjira, ivyo na vyo bikaba bikwije igitigiri gito muri abo bimukira.
Bragabishije kandi ko umuntu wese adafise impapuro z'inzira ategerezwa gusaba kwinjira muri ico gihugu nk'impunzi canke basubire inyuma, kandi ko uwuhirahira akinjira adakurikije amategeko ashobora gupfungwa hanyuma asubizwe iwabo.










