OMS ivuga ko Ebola idakeneye impuruza mpuzamakungu muri kino gihe

Abapfasoni bo muri Congo bariko barakaraba mu mazi yashizwemwo imiti mu karere ka Mangina

Ahavuye isanamu, John Wessels/Oxfam

Insiguro y'isanamu, Abapfasoni bo muri Congo bariko barakaraba mu mazi yashizwemwo imiti mu karere ka Mangina

Ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi rivuga ko ingwara ya Ebola yadutse muri RD Congo itarakenera ko amakungu ahurura gutabara ariko rikavuga ko ririko rirakurikiranira hagufi iyo ngwara.

Ibi bivuzwe inyuma y'inama idasanzwe y'ikitaraganya yabereye mu gisagara ca Geneve yo kuganira ingene iyo ngwara yifashe mu gihugu ca RD Congo.

Ijambo bumvikanyeko rya nyuma muri iyo nama n'uko hakwiye gukorwa ibishoboka vyose mu kugwanya iyo ngwara idasanzwe.

Ibihugu vya Uganda, u Rwanda, Uburundi na Sudan y'epfo vyasabwe gufata ingingo zo kwiyubara zihuta kubera uko iyo ngwara yakwiragiye, kuko ibintu bishobora guhinduka umwanya uwo ari wo wose uva muri aka kanya.

Vyaragaragaye ko ingwara ya Ebola yiyongereye mu gihugu ca RD Congo mu gihe hari n'intambara zibandanya zituma abanyagihugu bihebura, ivyo vyose bitera ingorane mu twigoro two kugwanya iyo ngwara.

Intambara zibera muri ako karere zituma bitoroha kugwanya iyo ngwara.

Presentational grey line

Ibihugu vy'u Rwanda, u Burundi na Uganda birageramiwe cane:

Iyo ngwara ishobora kuba itageramiye amakungu, ariko ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS rivuga ko hari ukugeramirwa mu bihugu vy'u Burundi, u Rwanda, Uganda na Sudani y'epfo, kandi bikaba vyamenyeshejwe ko vyokwama bigavye.

Ariko none ivyo bisigura iki ku ngingo zitegerezwa gufatwa? Mbe ivyo bihugu bimaze gukora iki gushika ubu?

Uganda:

Dr Yonas Woldemariam aserukira OMS mu gihugu c'Ubugande yabwiye BBC ko yemera ko ico gihugu citeguye bikwiye ariko ivyo bitotuma bagira ubwoba.

Gusika ubu hari umugambi mwiza urongowe n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu, bakaba bararungitse abakozi bakwiye bavuye muri OMS n'ahandi basanzwe bafashanya.

Mu gihugu no mu turere twose haragenzurwa buri ndwi kugira barabe aho batejeje kwitegura n'ibindi bikenewe.

Yasiguye ko nk'akarorero baguma baraba ingene abantu bajabuka imbibe, uko bagenzura abinjira mu gihugu, ingene abaganga bimurirwa ahandi, no kuraba ko abantu bafise uburyo bwo gutabaza mu gihe hagize ikintu ico ari co cose kibonetse giteye amakenga.

Avugira mu karere kari ku rubibe rwa RD Congo, Yonas yavuze ko n'aho biri uko, ni ngombwa ko ivyo vyose bikomezwa, no kwongererezwa inguvu kandi abafise uruhara bose mu kugwanya Ebola bagume bafashanya.

Umuganga ariko aratera urucanco rwa Ebola umukozi wa Oxfam mu kwezi kw'umunani 2017

Ahavuye isanamu, John Wessels/Oxfam

Insiguro y'isanamu, Umuganga ariko aratera urucanco rwa Ebola umukozi wa Oxfam mu kwezi kw'umunani 2017

Rwanda:

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwaravuze ko reta yiteguye neza kugwanya uburyo bwose bushoboka bwo kwandura ingwara ya Ebola.

Haza haratanguye igenzurwa ry'abantu binjira mu gihugu kubera iyo ngwara ya Ebola yateye mu gihugu ca RD Congo.

Intumbero n'uko umuntu wese yiketsweko Ebola amenyekana hakiri kare hanyuma ashirwe mu kibanza cabigenewe.

Ingenzi n'abashitsi binjira mu gihugu barapimwa ubushuhe bakanabazwa ibibanza bamaze kujamwo, bakanagenzura neza ibindi bimenyetso vyose vyerekana umugera wa Ebola.

Ubu haratewe akamo ku banyagihugu ngo ntibaje mu bibanza birangwamwo iyo ngwara, no kumenyesha ibimenyetso vyose bibaza ko bijanye n'iyo ngwara hakiri kare .

Burundi:

Uburundi ni bwo buboneka ko bugeramiwe gusumba kubera uruja n'uruza rw'abantu ku mbibe bavuye mu Rwanda no muri Uganda.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu buvuga ko bafise ibikoresho vyo guhangana n'iyo ngwara mu gihe yokwaduka.

Harashizwe inguvu cane mu guhanahana amakuru no kwigisha abanyagihugu kugira bamenye ibimenyetso n'ingene bokwirinda uwo mugera udasanzwe.

Haratangujwe isekeza ryo kwimura abakozi bo muvyo amagara y'abantu.

Kuva hadutse ingwara ya Ebola yadutse, Uburundi nta bushobozi buraronka bwo gupima umugera wa Ebola, bakaba baja gupimisha mu gihugu ca Uganda iyo bikenewe.

Umuganga ariko aratera urucanco rwa Ebola umukozi wa Oxfam mu kwezi kw'umunani 2017

Ahavuye isanamu, John Wessels/Oxfam

Insiguro y'isanamu, Umuganga ariko aratera urucanco rwa Ebola umukozi wa Oxfam mu kwezi kw'umunani 2017

Sudani y'epfo:

Sudani y'epfo n'ikindi gihugu gisugerejwe citaweho cane na OMS.

Ivyo kubera ukuntu ico gihugu cegeranye n'akarere kabonetsemwo umugera wa Ebola.

Ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS rivuga ko ico gihugu co muri Afrika cikukiye vuba kimaze kwongereza uburyo bwo kwitegurira kugwanya iyo ngwara.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bufashanije na OMS, ikigo kijejwe kugwanya ingwara z'ivyaduka (CDC) hamwe n'abandi basanzwe bakorana baratanguje igikorwa kwigisha abantu ivyerekeye iyo ngwara.

Harimwo no gutanguza imigwi y'abantu bo mu bisata bitandukanye bafise n'ubumenyi butandukanye, kwigisha abategetsi batandukanye b'igihugu hamwe n'abatanga imfashanyo.

Presentational grey line

Ibiharuro vyerekana ko ku bantu cumi banduye Ebola muri RD Congo, batandatu bapfa.