Mu gihe ebola ivugwa muri Kongo hafi y'u Burundi, ico gihugu citeguriye gute kuyirwanya?

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi buri kumwe n'ishami rya ONU rijewe amagara y'abantu kw'isi, OMS, bamenyesha ko bariko barakora ibikenewe vyose kugira bakingire abanyagihugu indwara ya ebola.
Iyo ndwara ubu igeze mu gihugu kibanyi ca Republika ya demokarasi ya Kongo, ku birometero 400 uvuye i Bujumbura ku murwa mukuru w'u Burundi.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu Dr Thadee Ndikumana na Walter Kazadi Mulombo arongoye OMS mu Burundi, bavuze ko kuva ingwara ya Ebola iteye i Mabalako mu karere ka Nord Kivu, u Burundi busugerejwe, n'aho atari ku rugero rumwe n'u Rwanda na Uganda.
Bavuga ko uruja n'uruza rw'abantu mu nzira 11 ziri ku rubibe rw'u Burundi na Kongo hakoreshejwe amaguru, imodoka, ubwato canke indege rutuma haba ukugaba ko hari abashobora kwinjirana iyo ndwara.
Hari rero ingingo zafashwe zihuta, harimwo gukwiragiza abakozi kuri izo nzira no gupima abinjiye bose bava muri Republika ya demokrasi ya Kongo, gutegura umugwi wonyaruka gutabara igihe bikenewe, hakaba haranubatswe ikigo kidasanzwe cokwakira aboba baketsweko iyo ndwara mu Rukaramu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Dr Thadee Ndikumana yavuze ibimenyetso vy'iyo ngwara abanyagihugu bakwiye kwiyubara.
Avuga ati: "Hagize uwumva afise ikimenyetso ico ari co cose, akwiye kwitura ivuriro. Ntihagire uwuja kwa rumenyi canke ngo we nyene yivure.
"Wumvise ufise ubushuhe, ufise indwara yo gucibwamwo canke ususumira canke yacitse intege, n'ukwihutira kuja kwa muganga."
Avuga kandi ko uretse abaganga bahabwa inyigisho, hariho n'izagenewe abanyagihugu ubwabo.
"Hariho abaganga bagenda bapima abinjira ariko mu turere tw'ubuvuzi hariho abaremeshakiyago na bo nyene bagiye kuronswa inyigisho mu Kirundi kugira bigishe harya mu mihana ingene abenegihugu bokwifata.
"Dusaba abanyagihugu gutekana kuko kenshi, aho iyo ndwara yateye, iyo guhanahana amakuru bigenze nabi, bituma bacika ivutu.
"Mu bushikiranganji inyigisho zaratanzwe ahubwo tugiye kurushirizaho biciye ku maradiyo no ku mboneshakure, gushika no ku mitumba."

Kugira vyorohe kurwanya iyo nrwara, uturere tw'ubuvuzi tw'u Burundi twaciwemwo ibice bitatu, bibiri vya mbere bihana urubibe na Kongo akaba ari vyo bicunzwe cane.
Harategekanijwe kandi rusehabaniha zitatu zama zigavye ku kibuga c'indege, ku Ruhwa mu ntara ya Cibitoke hamwe n'i Nyanza Lac mu bumanuko bw'u Burundi.
Kwitegura bihagaze gute?
Gushika ubu u Burundi burakwije ibice 40 kw'ijana vy'ibisabwa mu kwitegurira kurwanya ingwara ya ebola, OMS igahamagarira ico gihugu kubandanya kigira utwigoro gushika bashike ku bice 80%.
Gushika ku wa gatandatu w'indwi iheze, abantu 76 ni bo bari bamaze kwikekwa ko bafise iyo ngwara muri Kongo, 33 bakaba baritavye Imana, abandi 13 na bo basanga barayifise.
Abategetsi ba Kongo bavuga ko bamenye ko ebola iteye muri ako karere inyuma y'indwi imwe gusa bamenyesheje ko yatujijwe mu ntara ya Equateur mu buraruko bushira uburengero bw'ico gihugu










