Umugore w'umushinwakazi yiyahuye yica n'abana inyuma yaho umugabo abesheye ko yapfuye

Ifoto y'uwo mugabo n'umugore wiwe

Ahavuye isanamu, Weibo

Insiguro y'isanamu, Umugambi w'umugabo yashatse gukora amanyanga ngo arihwe amahera ya "assurance" wamuhindukiriye nabi

Umugabo w'umugore yiyahuye akica n'abana babiri bavyaye inyuma yaho umushingantahe wiwe abesheye ko yapfuye kugira arihwe amahera yo kwiteganiriza kazoza ("assurance"), yishikanye mu gipolisi.

Uwo mugabo w'imyaka 34 vyiketswe ko yapfuye inyuma yaho imodoka yiwe bayisanze mu ruzi, ariko ikiziga ciwe kitigeze kiboneka.

Ntiyigeze amenyesha umugore ivyo agiye gukora, we yibaza ko yapfuye.

Uwo mugore yaciye asimbira mw'itangi n'abana, amaze gushira ubutumwa ku mbuga ngurukanabumenyi ko agiye kwiyahura.

Uwo mugabo igipolisi kivuga ko yitwa He, yishikanye mu biro vy'igipolisi c'i Xinhua mu ntara ya Hunan ku wa gatanu uheruka.

Apfunzwe yagirizwa amanyanga ku bijanye na "assurance" no kwonona ivyatunze n'ibigirankana, nkuko igipolisi ca Xinhua kivuga mw'itangazo kuri WeChat.

Mu ntango y'ukwezi kw'icenda Bwana He yaguze uburyo bwo kwiteganiriza kazoza bw'umuliyoni w'ama yuan ($145000) atagishije inama umugore, niko igipolisi kivuga.

Mu cegeranyo casohowe n'iradiyo y'igihugu "Voice of China radio", umugore wiwe niwe yanditswe ko ariwe ahawe ubwo buryo.

Kw'itariki 19 ukwezi kw'icenda, Bwana He yakoresheje imodoka yatiye mu manyanga yo kubesha ko yapfiriye mu mpanuka, niko igipolisi kivuga.

Basanze yari afise amadeni arenga 100000 vy'ama yuan.

Ku tariki 11 ukwezi kw'icumi, ibiziga vy'umugore wiwe w'imyaka 31 n'agahungu k'imyaka ine hamwe n'agakobwa k'imyaka itatu vyatowe mw'itangi hafi yaho baba, nkuko Voice of China ivuga.

Mu butumwa bwo kwiyahura yacishije kuri WeChat, yanditse ko agiye "kumuherekeza", yongera avuga ko "yari yipfuje ko umuryango wabo wa bane ugumana", niko Voice of China ibandanya ivuga.

Bwana He yaciye yishikana mu biro vy'igipolisi umunsi ukurikira.

Yashize videwo yahererekanijwe cane ku rubuga ngurukanabumenyi, aho ubona arira avuga ko yakopesheje amahera ngo avuze umukobwa wiwe w'imyaka itatu agwaye intandara.