Ubushinwa bwakuyeho ibiringo ku burongozi bw'igihugu

Prezida Xi Jinping agiye kurongora Ubushinwa igihe kirekire

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Prezida Xi Jinping agiye kurongora Ubushinwa igihe kirekire

Igihugu c'Ubushinwa cakuye ibiringo umukuru w'igihugu amara mw'ibwirizwa shingiro, ivyo bikaba bigiye gutuma Xi Kinping aguma ku butegetsi igihe kirekire.

Ivyo vyemejwe na benshi mu ntumwa zitavye inama nkuru y'igihugu "National People's Congress", abari ku rushi bakaba aribo bavyanse, abandi ntihagira ico bavuze.

Haraheze imyaka myinshi, abaperezida b'Ubushinwa batwara umwumwe imyaka cumi, imbere yuko bahereza abandi.

Umugambwe w'abakomunista uri ku butegetsi wavuze ko gukuraho ibiringo ku mukuru w'igihugu, bizotuma Ubushinwa buhungukira, bitume Bwana Xi arangura imigambi ikomakomeye y'iterambere.

Abanegura politike ibera mu Bushinwa, bavuga ko batinya ko iyo ngingo ihejeje gufatwa ishobora gutuma ububasha buguma mu maboko y'umuntu umwe.