Cristiano Ronaldo avuga ko ibivugwa ko yafashe umukobwa ku nguvu ari "ibinyoma"

Cristiano Ronaldo

Ahavuye isanamu, ALLSPORT/GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Uwo munya Portugal akina mu mugwi Juventus mu Butaliyano

Cristiano Ronaldo yiyamirije ivyo aregwa n'umukobwa wo muri Amerika avuga ko yafashwe ku nguvu n'uwo mugabo aturuka muri Portugal mu 2009 avuga ko ari "amakuru y'ibinyoma"

Kuri video yo kuri Instagram Ronaldo yagize ati: "Bipfuza kwiteza imbere bakoresheje izina ryanje. Ivyo ni ibisanzwe."

Abafasha Ronaldo mu vy'amategeko bavuze ko bazitwarira ikinyamakuru c'Ubudagi Der Spiegel, ari naco casohoye ivyo birego ubwa mbere.

Ico kinyamakuru canditse ko Kathryn Mayorga yavuze ko Ronaldo w'imyaka 33, yamusambanishije ku nguvu mu cumba c'ihoteri y'i Las Vegas.

Bivugwa ko Madamu Mayorga w'imyaka 34, yitwariye Ronaldo mu gipolisi ca Las Vegas haheze umwanya akorewe ayo mabi.

Mu 2010, uwo mugore avuga ko yapfunditse na Ronaldo amasezerano yo kurangiza ivyo bapfa, amuriha amadolari $375000 nawe yemera kutazobishira ahabona.

Abafasha uwo mukobwa mu vy'amategeko bavuga ko bagiye kugira impfagusa ayo masezerano yo kutagaragaza ivyabaye.

Mw'itangazo ry'umunyamategeko wa Ronaldo, Christian Schertz yavuze ko "amakuru yasohowe na Spiegel ateye kubiri n'amategeko".

Yongeye avuga ko yasabwe kurondera agashumbusho "ku mabi y'ubuntu", mu kigiye gufatwa "nk'ikosa rya mbere rihambaye ryo kurengera agateka k'umuntu muri ino myaka ya vuba".

Ronaldo yinjiye mu mugwi wa Juventus avuye muri Real Madrid, ku miliyoni z'amapawundi £99.2 mu ntango z'uno mwaka.

Uwo munya Portugal afatwa nk'umwe mu bakinyi ba mbere bakina neza kw'isi.