Uburundi bwahagaritse amezi 3 amashirahamwe yose ategamiye reta akorera mu Burundi

Ahavuye isanamu, STR/AFP/Getty Images
Akanama k'igihugu kajejwe umutekano mu Burundi kafashe ingingo yo guhagarika amashirahamwe yose ategamiye reta mu kiringo c'amezi atatu yagirizwa kurenga amategeko.
Iyo nama irongowe n'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza yashinze kandi ko amashirahamwe akora mu vy'ubutare na yo ahagaritswe mu kiringo c'ukwezi kose.
Haracari ikibazo co kumenya nimba iyo ngingo yega amashirahamwe mpuzamakungu, ayo mu gihugu hagati canke yose.
Mw'itangazo ryashikirijwe na Jenerali Silas Ntigurigwa, umunyamabanga mukuru w'akana kajejwe umutekano mu gihugu, yavuze ko ayo mashirahamwe yigisha ibitajanye n'ivyo yiyemeje ku buryo amwe amwe ashobora guhungabanya umutekano.
Kuva habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza, amashirahamwe atari make yarahagaritswe ayandi arafutwa burundu, amwe amwe akaba ubu akorera mu buhungiro iyo abayatwara bahungiye.
Mu kwezi kwa gatanu, amaradiyo ya VOA na BBC yarahagaritswe mu kiringo c'amezi atandatu yagirizwa kurenga ku mategeko mu gushikiriza inkuru.
Mu nama ya Onu ijewe agateka ka zina muntu kw'isi iheruka kubera i Genève mu Busuwisi, Uburundi bwaragirijwe kubandanya buhonyanga agateka ka zina muntu.
Ako kanama kakaba mbere kongeye ikiringo umugwi ujejwe kugira amatohoza mu Burundi.
Uburundi bukaba bwaragabishije ko bushobora kwivana mu kanama ka Onu kajejwe agateka ka zina muntu buvuga ko babandanya kubukorera inteba ishushe.










