Umuhinga mu vy'ibitsina avuga ko "kurongora umugore umwe ntibiri muri kamere k'umuntu"

Ahavuye isanamu, BARCROFT / GETTY IMAGES IMAGE
Uwo munya Espagne yavutse mu myaka 69 irangiye mu gisagara ca Jaén muri Andalusia, yahebeye ubuzima bwiwe bwose mu kwiga ibijanye n'ico kibazo kiri mu biranga kiremwa muntu.
Uwo mugabo arongoye ikigo citaho ivy'ibitsina "Spanish Society of Intervention in Sexology" akongera akaba no mw'ishirahamwe "International Academy of Medical Sexology", avuga ko igihimba gikora cane mu mibonano y'abantu atari igitsina, ahubwo urushato rw'umuntu.
Arongera akavuga ko uravye ingene umuntu aremwe, ko bitari bikwiye ko arongora umugore umwe, ko niba abantu babikora ukwo, ko ari kubera ubukene.
BBC yaraganiriye na Matheu ku bijanye no kurangura imibonano mpuzabitsina, hamwe no ku kibazo co kugira umugore umwe rudende (monogamie).
Woody Allen yagize ati: "Hari ibintu bibiri bihambaye mu buzima: kimwe ni imibonano mpuzabitsina, ikindi ntaco nibuka."
Kurangura imibonano mpuzabitsina coba ari ikintu twoha agaciro gahambaye?
Kurangura imibonano mpuzabitsina birahambaye kurusha ukwo abantu, inzego n'imiryango bavyiyumvira muri rusangi.
Imibonano mpuzabitsina irashobora kwerekana ingene ubuzima tubayemwo bwifashe, hari n'ibintu vyinshi bituruka ku kurangura imibonano mpuzabitsina.
Wewe, nk'akarorero, uvuga ko ahantu hari amahoro ari ahantu abanyagihugu barangura imibonano mpuzabitsina ataco binona, batabinyegeza...
Siko navuze, ahubwo icigwa nakoze nico kivuga ukwo, icigwa nakurikiranyemwo inyifato y'abanyagihugu bafise imico 66 itandukanye, nabisanze mu mazinga ya Caroline muri Micronesia.
Ivyavuye muri ico cigwa nuko ahantu hatekanye kurusha ahandi ari aho ibijanye no kurangura amabanga mpuzabitsina bifatwa ibisanzwe, abakobwa bakabigiramwo uruhara runini.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku rundi ruhande, ahantu abanyagihugu bari ku mategeko akaze, abagore bagashigwa ku murongo wa kabiri, usanga hama imishamirano.
Kugira ngo dutegere neza ivyo turiko turavuga, woduha akarorero aho imibonano mpuzabitsina irekuwe, abagore bagahabwa agaciro?
Nokubwira nk'imiryango yo mu ba Chuukies, nagizeko icigwa ku kiringo c'amezi ane mu mazinga ya Caroline muri Micronesia.
Muri iyo miryango ivyiza vyinshi bica ku mugore, umugore niwe shingiro ry'ubutunzi.
Mu gihe mu bihugu vya Buraya bashimikira ku bunini bw'igitsina gabo, muri ayo mazinga igihambaye n'ingene iminwa yo hasi y'igitsina gore ingana.
Mu gihe mu bihugu vya Buraya ubutinyanka ari ikintu c'umucafu, ahandi basanga ari ngirakamaro, kandi bukiza rimwe na rimwe.
Kubiri n'ibiba mu mico yacu, muri ayo mazinga umugore niwe aryosha imibonano mpuzabitsina mu kuririmba.
Ahantu hari amahoro ni ahantu imibonano mpuzabitsina ifatwa ibisanzwe, ikihanganigwa.
Aho hantu, mw'ijoro abagabo bagenda bakurura inda, bakaja mu tururi tw'abagore baba abatararongogwa canke abarongowe, bakinjiza inkoni zabo zishushanijweko muri utwo tururi aho abo bagore bamenya nyen'inkoni. Igihe hari umukobwa yipfuza imibonano mpuzabitsina, aca agumya inkoni y'umugabo yipfuza, bigasigura ko uwo mugabo ashobora kwinjira muri ako karuri igihe cose avyipfuje mw'ijoro.
Nta shari ribaho, nta vyo kurenga ibigo, imibonano mpuzabitsina ifatwa ibisanzwe muri ako gace, bigahurirana nuko usanga hari amahoro kurusha mu bihugu vya Buraya aho usanga abantu umengo barashamirana.

Twovuga ko kurongora umugore umwe (monogamie) biri muri kamere k'umuntu?
Oya, ukurongora umugore umwe (monogamie) ntibiri muri kamere k'umuntu na gato.
Raba igitabu "Atlas" ca Murdock, wihweze imiryango 800, ibice 80% vyabo ntibafise umugore canke umugabo umwe, abagabo usanga bafise abagenzi benshi b'abagore, abagore nabo bakagira abagabo benshi bakorana imibonano mpuzabitsina.
Icibonekeza nuko imico y'ibihugu vya Buraya yanduje ibihugu vyinshi, bituma hagwira umugenzo w'umugore canke umugabo umwe kw'isi.
Twovuga ko kugira umugore umwe bishingiye ku butunzi?
Ego cane. Dukunze kugira umugore umwumwe kuberako dukenye.
Abantu badatunze ntibashobora kwama bavana n'abagore kuberako kuvana canke kwahukana bitwara amahera menshi. Co kimwe no gutunga abagore benshi icarimwe, bisaba uburyo bwinshi yaba wewe canke jewe tudashobora kuronka.
Mu gihe imiryango usanga yemera imibonano mpuzabitsina irimwo amahoro, twovuga ko abantu bakunze gusotorana boba bafise ingorane zishingiye ku mibonano mpuzabitsina?
Twovuga ko abantu bagiye batwaza umukazo boba ari abantu bataronka akaryo ko gukora imibonano mpuzabitsina?
Ego, Hitler, Franco n'abandi batwaza igikenye bari bafise ingorane zo kwiyemera hamwe n'ibibazo bikomeye bishingiye ku mibonano mpuzabitsina.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nibaza ko abantu bamara igihe kinini barondera ubutunzi canke ubutegetsi usanga babigujije imibonano mpuzabitsina.
Wibaza iki ku mukuru w'igihugu wa Amerika, Donald Trump, avugwa mu biterasoni vyinshi bishingiye ku gitsina?
Donald Trump asa n'umuntu mu mutwe vyose bitameze neza, nibaza kandi ko afise ingorane ku bijanye n'igitsina.
Abantu biyemera bigenza kwinshi: hari abiyugarana kubera isoni ryinshi hamwe n'abiyerekana ntihagire n'ico binona, nivyo vyashikiye Trump n'abandi banyepolitike.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri kino gihe umubiri ntukoreshwa cane mu mibonano mpuzabitsina?
Umuhinga mu vy'inyifato, Wilhem Reich, avuga ko abantu benshi bakorera cane ku bitsina kurusha ku bindi bihimba vy'umubiri iyo bari mu mibonano mpuzabitsina.
Avuga ariko kw'abantu bafise urushato rwumva cane (sensible) iyo urukozeko kurusha urw'ibindi bikoko vyonsa, ariko ko rutakoreshwa cane mu mibonano mpuzabitsina.

Ahavuye isanamu, ISTOCK / GETTY IMAGES
Urushato rw'umuntu ngo rwari rukwiye gukoreshwa cane, mu kurondera kuryohegwa muri ayo mabanga.
Iyo umuntu akuguye mu nda ngo hari ibinyamubiri vyo mu bwoko bwa "endorphine" vyisuka, bisigura ko urukoba rw'umuntu rwumva cane (sensible), ko rwari rukwiye gukoreshwa kurusha.
Abantu benshi ngo ntibarwitayeho, ukurangura imibonano mpuzabitsina ngo bisigaye bisa no gukora ikarashishi nka kurya kwo mu masinema y'ibishegu vyo ku mbonerakure "pornographie".








