Umukuru w'igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Kongo, Joseph Kabila, ntazitoza mu matora yo mu kwa 12

Ahavuye isanamu, DRC Interior Ministry
Prezida Joseph Kabila wa Republika ya Demokrasi ya Kongo yagenye uwuzoserukira urunani rw'imigambwe ishigikiye ubutegetsi mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwa cumi na kabiri.
Uwo ni Emmanuel Ramazani Shadari, yagenywe n'umugambwe uri ku butegetsi, PPRD, ngo azowuserukire mu matora y'umukuru w'igihugu ca Kongo.
Yahoze ari umushinkiranganji w'intwaro yo hagati, akaba n'umunyamabanga ntayegayezwa w'umugambwe uri ku butegetsi.
Kuva ejo amaso yose yari ahanze Prezida Kabila, mu gihe mbere hari n'abavuga ko ashaka kubandanya ategeka.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikiringo ntarengwa catanzwe n'umugwi ujejwe amatora muri Kongo ni uno munsi, bikaba vyari vyitezwe ko bwana Kabila agena uwuzomusubirira mu nama yakoresheje ejo ariko ntivyaba.
Hari ubwoba bw'icari gushika mu gihe bwana Kabila yari guhitamwo kwitoza, ishengero Gatolika rikaba ryari ryatangaje ko rizohamagaza imyigaragamvyo mu gihugu cose niyaramuka yitoje.
Kugenwa kwa Emmanuel Ramazani Shadari kwiyongeye ku bandi bakandida umunani bamaze kwiyandikisha.

Abo barimwo Jean Pierre Bemba yigeze kuba icegera c'umukuru w'igihugu wa Kongo akaba n'umukuru w'inyeshamba.
Yasubiye mu gihugu mu ndwi iheze amaze guhanagurwako ivyaha vyo mu ntambara yagirizwa na sentare mpuzamakungu.
Uwundi akomeye ni Felix Tshisekedi, umuhungu w'umuhisi Etienne Tshisekedi, umwe mu bazwi cane batavuga rumwe na leta muri kahise ka Kongo.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwahoze ari buramatari w'intara ya Katanga, Moise Katumbi, we gushika ubu ntaremererwa kwinjira mu gihugu, bikaba bitazwi niba biza kumukundira imbere y'uko ikiringo co kwiyandikisha gihera.










