Prezida wa Amerika, Donald Trump, agabisha ko uwo wese azogira ubucuruzi na Irani, atazobugira na Amerika

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yagabishije uwo wese azohirahira agakora ubucuruzi na Irani, ko atazosubira gucuruza na Amerika.
Ibi abivuze nyuma y'amasaha make ibiro vyiwe bisubijeko ibihano vyari vyarafatiwe igihugu ca Irani.
Bwana Trump yanditse ku muhora wa twitter avuga ko ari vyo bihano ruhasha bimaze gufatirwa igihugu, ngo kandi nta kindi asaba atari amahoro kw'isi.
Kare umukuru w'igihugu ca Irani, Hassan Rouhani, yagirije Amerika kuba iriko irashoboza intambara yo guhindisha agashitsi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuce wa mbere w'ibihano urimwo kubuza Irani kugura amadolari ya Amerika, ibikoresho vy'agaciro kanini hamwe n'ibindi bikomoka mu butare.
Ivyo bihano kandi bikora ku ruganda rw'imiduga, ikigo co mu Budage, Daimler, gikora imiduga n'amakamyo kikaba cahagaritse ibikorwa vyaco, vyari bisanzwe vyaragabanijwe muri Irani.






