Abatavuga rumwe na reta bariyamiriza ivyavuye mu matora muri Zimbabwe biha intsinzi Emmerson Munangagwa

Nelson Chamisa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nelson Chamisa yemeza ko yarushije amajwi Emmerson Munangagwa

Umukuru w'abatavuga rumwe na reta muri Zimbabwe Nelson Chamisa ariyamiriza intsinzi ya prezida Emmerson Mnangawa avuga ko ibiharuro vyashikirijwe atari vyo.

Mnangagwa ni we yatangajwe ko yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu incuro ya mbere kuva prezida Robert Mugabe akuwe ku butegetsi.

Umugambwe wa Nelson Chamisa MDC Alliance wavuze ko uzitura ubutungane mu kwanka ivyavuye mu matora uvuga ko ayo matora yibwe.

Emmerson Mnangagwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Emmerson Mnangagwa ni we yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu

Mnangagwa yashimiye Chamisa

Hagati aho ariko mu kanya gaheze, umukuru w'igihugu yatowe, Emmerson Mnangagwa yashikirije ijambo aho yashimiye abamutoye anemera kuzokorera bose n'abatamutoye barimwo.

Yashimiye uwo bahiganwa vya hafi, umukuru w'urunani rurongowe na MDC, Nelson Chamisa, ku kuntu bahiganywe neza avuga ko iyo batahaba ata guhiganwa kwari gushoboka.

Bwana Mnangagwa yavuze kandi ko Chamisa azogira uruhara rukomeye muri Zimbabwe, cane cane urwerekeye gutsimbataza amahoro.

Yashimiye kandi indorerezi zavuye hirya no hino ku kazi zakoze muri iri iki gihe c'amatora.

Umutekano

Igipolisi kirabandanya gukizura mu mabarabara yo mu gisagara ca Harare inyyma y'imyiyerekano yaguyemwo abantu batandatu.

Mu ntara cumi zose hamaze kumenyekana ivyavuye mu matora, Mnangagwa yatsinze ku bice 50.8 kw'ijana kuri 44.3 kw'ijana vy'uwaserukiye umugambwe utavuga rumwe na reta Nelson Chamisa.

Umukandida yatsinze muri buri ntara
Umugambwe watsinze muri buri ntara

Igipolisi cirukanye abatavuga rumwe na reta igihe hariko haratangaza ayo majwi inyuma yo kwaka kuyemera.

Umukuru w'umugambwe wa MDC Alliance, Nelson Chamisa yavuze ko uguharura amajwi kutakozwe neza.

Iyo ntsinzi y'amajwi 50 kw'ijana itumye Mnangagwa agira amahigwe yo kutaja mu matora agira kabiri yobahuje na Chamisa gusa.

Ku rubuga rwa twitter prezida Mnagagwa yavuze ko iyi ari intango nshasha.

Abayoboke ba Mnangagwa bariko barigina intsinzi muri Zimbabwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abayoboke ba Mnangagwa bariko barigina intsinzi muri Zimbabwe

Chamisa aguma avuga ashimitse ko umugambwe wa ZANU-PF utatsinze ayo matora, ko bashaka kwemeza ibitari vyo kandi ko bagiye guhangana n'ico kibazo.

Aya matora ni aya mbere kuva prezida yari amaze umwanya muremure ku butegetsi Robert Mugabe akuwe ku butegetsi.

matokeo ya uchaguzi
Insiguro y'isanamu, matokeo ya uchaguzi

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya ryanebaguye icererwa ryo gutangaza ivyavuye muri ayo matora.

Bavuze ko habayemwo ingorane, harimwo kutaronka uburenganzira bungana mw'itangazamakuru, iterabwoba kubitabiriye ayo matora no kutizera akanama kajejwe gutegura amatora, ukanongerako ko "Amatora atateguwe neza bigatuma atacizere bayagirira."

Ni ubwa mbere mu myaka 16 reta yemeye abarorerezi b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya na Amerika kwihweza uko ayo matora agenda.

Ku ruhande rw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, mu ntango z'iyi ndwi,bavuze ko ayo matora yabaye mu muco kandi ata ho yegamiye, bongerako ko aje kwerekana ihinduka ry'isura ya politike muri ico gihugu.

Icegeranyo c'ishirahamwe rya SADC kivuga ko ayo matoraa yabaye mu mahoro kandi ko yakurikije amategeko.

Uwurongoye izo ntumwa umushikiranganji w'imigenderanire wa Angola, Manuel Domingos Augusto yavuze ko ayo matora ari aya demokrasi.