Umugambwe wa MDC Alliance uvuga ko Chamisa yatsinze Mnangagwa muri Zimbabwe

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugambwe utavuga rumwe na reta muri Zimbabwe uvuga ko umukandida wawo Nelson Chamisa ari we yatahukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye kuri uyu wa mbere.
Umugambwe wa MDC uvuga ko uwuri ku butegetsi wa Zanu-PF uriko uragerageza kugira amanyanga kugira prezida Emmerson Mnangagwa atsinde, kandi utihanganira ukuntu bariko barateba gutangaza ivyayavuyemwo.
Akanama kajejwe gutegura amatora gasaba ko bihangana, ko gakeneye umwanya wo kwegeranya amajwi.
Ayo matora ni aya mbere kuva prezida yari amaze imyaka myinshi ku butegetsi Robert Mugabe akuwe ku butegetsi
Ayo matora yitabwe n'abantu benshi bashika ku bice 70% kandi yarakurikiranywe n'abarorerezi mpuzamakungu.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku mugwa mukuru i Harare, Tendai Biti wo muri MDC Alliance yavuze ko bigaragara ko hariho ukugerageza kwa Zanu-PF kwivanga 'mw'ishaka ry'abanyagihugu'.
Yagabishije uwo mugambwe ngo 'ntuze igihugu mu kaga'

Ahavuye isanamu, AFP
Abatavuga rumwe na reta batangaje ivyo imbere y'uko hamenyekana ivyavuye muri ayo matora.
Umuvugizi wa Zanu-PF yabwiye BBC atabona ico Biti yafatiyeko mu kuvuga ivyo.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Obert Mpofu yavuze ko abatakurikije amategeko agenga amatora mu gutangaza ko batsinze bashobora guhura n'agashavu k'itegeko.

Ahavuye isanamu, EPA
Umugambwe wa Zanu-PF, uri ku butegetsi kuva Zimbabwe yikukiye mu 1980, wagirizwa ko wagumye ugira amanyanga mu matora kugira Mugabe agume ku butegetsi.
Mnangagwa yaremeye ko amatora azo ba mu muco kandi ata ho yegamiye.
Mw'ibarabara vyari vyifashe gute?
Hari abantu benshi bariko barigina intsinzi imbere y'icicaro c'umugambwe wa MDC Alliance i Harare.
Isinzi ry'abantu ryari ryuzuye mu mabarabara, baririmba bongera batamba kuva aho Biti avugiye ko Chamisa yatsinze.

Ahavuye isanamu, AFP
Ibikamyo vy'igipolisi bimijagira amazi vyegereye iyo nyubakwa mu biboneka ko bashaka kwerekana ko bagavye.
Ariko amazu menshi y'ubudandaji yuguruye ku musi wa kabiri inyuma yo gupfungwa ku musi w'amatora, aho hari hatanzwe akaruhuko.










