Indyane mu mugambe MDC muri Zimbabwe

Nelson Chamisa

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Nelson Chamissa ariko ahiganwa na Thokozani Khupe mu kibanza c'umukuru wa MDC

Hari abantu batari bake bakomerekeye mu ndyane hagati y'imigwi itandukanye y'umugambwe utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi muri Zimbabwe butegetsi, Movement for Democratic Change.

Abashigikiye umukuru w'uwo mugambwe w'infatakibanza, Nelson Chamisa, bateye amabuye abashigikiye icegera ciwe, Thoko Khupe, mu gihe yari mw'ikoraniro mu muji wa Bulawayo.

Imiduga y'abo mu mugambwe MDC yononekaye.

Iki ni kimwe mu bindi bibazo vyinshi bimaze kuvyuka mu barwanya bwana Chamisa, yashizweho nk'umukuru w'umugambwe nfatakibanza igihe umukuru w'uwo mugambwe Morgan Tsvangirai yitabiye Imana.