Abavuza imiti y'ikirundi babungabunga gute ibidukikije mu Burundi?

Niyonizigiye Elie
Insiguro y'isanamu, Niyonizigiye Elie wo mw'ishirahamwe rivuza imiti y'ikirundi ATRAPRABU

Abavuza imiti y'ikirundi barafise uruhara rukomeye mu kubungabunga ibidukikije mu kwaha imiti batarinze kuyirandura, gucunga abaturia amashamba no gusubiriza ibiti biri ku mushiro.

Abo bavuza imiti y'ikirundi bavuga ko batakironka imiti imwe imwe kubera itituka ry'amashamba, nk'uko bivugwa na Niyonzima Elie umuganga w'imiti y'ikirundi aba mu ntara ya gitega akaba ari mw'ishirahamwe ATRAPRABU.

Avuga ko "imiti imwe ntikiboneka mu mashamba bivuye ku bantu bayaturira canke bicira ibiti ntibabisubirize".

Umuti w'igicuncu uvura ingwara z'abana
Insiguro y'isanamu, Umuti w'igicuncu uvura ingwara z'abana

Bamwe bamwe mbere bashima gutera imiti ku mihana yabo.

Mu ntumbero yo gukingira amashamba, igisata kijejwe ibidukikije muri reta kirabakarihiriza ubwenge kugira nabo batange agacumu k'ubumwe mu kuyakingira ubona ko imiti bakoresha myinshi iva mw'ishamba.

Niyonzima Elie avuga:"Abakozi bacu dutuma kutwahira imiti mu mashamba turababuza kurandura imizi y'ibiti no kubishishura cane kubera vyoca vyuma.

Yongeyeko ko "Kubera na bo nyene ishamba ribabeshejeho kuko baronka udufaranga duke duke, turabasaba gucungera amashamba mu kubuza abayaturira hamwe rero no gutera ibindi biti iyo baronse imbuto."

Umuti witwa ishurwe ukoreshwa mu kwongereza amaraso
Insiguro y'isanamu, Umuti witwa ishurwe ukoreshwa mu kwongereza amaraso

Mu gihe amashamba yobandanya kubangamirwa n'imiriro ya nyakanga hamwe no guca ibiti bidasubirizwa, abavuza imiti y'ikirundi bavuga ko hari imiti imwe imwe ishobora kuzimangana ubutakigaruka kandi yari isanzwe imfitiye abantu ku ngwara zimwe zimwe