Trump arahatira Kenya gufata imitungo ya Sudani y'epfo

Ahavuye isanamu, AFP
Urubuga rwa Daily Nation rwo muri Kenya ruvuga ko reta y'ico gihugu iguma inana ku gitsure ca Amerika isaba ko amatungo yose y'abategetsi ba Sudani y'epfo yofatwa.
Ico kinyamakuru gisubiramwo amajambo y'umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire muri Kenya Macharia Kamau avuga:
"Kenya irazi ivyo itegerezwa gukora vyerekeranye n'igiturire hamwe n'inyerezwa ry'amahera, kandi iriko irakorana n'amakungu kuri ico kibazo.
Ariko dukorana n'abantu batandukanye kandi ntitwemera igitsure c'ibindi bihugu"
Ingingo y'ubutegetsi bwa Trump ije ikurikira icegeranyo co mu 2016, cari casabwe na Geaorge Clooney, cagiriza prezida wa Sudani y'epfo Salva Kiir, uwumugwanya Riek Machar hamwe n'abandi basirikare bo mu gwego gwa jenerali ko bikubirako amatungo mu gihe igihugu kiri mu ntambara.
Ico cegeranyo casanze abo mu miryango ya prezida Kiir na Machar baba mu mazu meza cane hanze y'igihugu ca Sudani y'epfo, harimwo imwe nziza cane iri mu micungararo y'igisagara ca Nairobi, umugwa mukuru wa Kenya.

Ahavuye isanamu, AFP
Icegeranyo co mu 2016 casanze abo mu miryango ya prezida Kiir na Machar baba mu mazu meza cane hanze y'igihugu ca Sudani y'epfo, harimwo imwe nziza cane iri mu micungararo y'igisagara ca Nairobi, umugwa mukuru wa Kenya.
Riek Machar (i bubamfu) na prezida wa Sudani y'epfo Salva Kiir (i Buryo)
Kivuga kandi ko uwahoze ari umukuru wa gisirikare Paul Malong, yahembwa umushahara ugera ku madolari 45.000 ku mwaka, afise inzu zibiri nziza cane muri Uganda, udashizeko imiliyoni z'amadolari ariko mu bintu yubatse muri Kenya.
Mu kwezi kwa gatatu, Amerika yafatiye ibihano amashirahamwe 15 acukura igitoro bivugwa ko ariko yo soko ry'amahera reta ikoresha.










