Ico ukeneye kumenya ku gikombe c'isi.

Umugwi nserukiragihugu w'Ubudagi utera penalite neza? Gukinira mu gihugu cawe bifasha gute? N'uwuhe munyegoli wa Mexique anganya umuhigo wo gutsinda ibitego na Christiano Ronaldo.

Mu gihe inkino z'igikombe c'isi zigiye gutangura turishura kuri ivyo bibazo no ku bindi vyinshi.

Kikosi cha Ujerumani ni kizuri kwa Penalti? Kucheza nyumbani kunasaidia kwa kiwango kipi? na ni mlinzi yupi wa Mexico aliye na rekodi sawa ya kufunga mabao na Cristiano Ronaldo?

Wakati Kombe la Dunia linaanza tunajibu hayo yote na mengine mengi.

1. Ni bande bamaze gutsindira ibikombe vy'isi?

Brezil ni bo bamaze gutsindira ibikombe vyinshi vy'isi. Igikombe ca nyuma n'ico mu 2002. Barakiriye izo nkino mu 2014 ariko baca batsindwa ibitego 7-1 n'Ubudagi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Nta gihugu kitari ku mugabane wa Buraya canke Amerika y'epfo kiratsindira igikombe c'isi, kandi intsinzi y'Ubudagi, Espagne n'Ubutaliyano mu nkino nk'izo zitatu ziheruka, ituma Uburaya buza imbere n'ibikombe 11 ku 9 vya Amerika y'epfo.

2. Ni nde amaze gutsinda ibitego vyinshi gusumba abandi?

Mubamaze gutsinda ibitego vyinshi, umudagi Miroslav Klose ni we aza imbere n'ibitego 16 mu mahiganwa ane y'ibikombe vy'si. Yasezeye gukina mu 2016.

Umunye Brezil Ronaldo ni we wa kabiri n'ibitsindo 15, umunani akaba yabitsinze mu gikombe c'isi co mu 2002.

Umufaransa Fontaine ni we afise umuhigo wo gutsinda ibitego vyinshi mw'ihiganwa rimwe ry'igikombe c'isi. yinjije ibitego 13 mu nkino zitandatu mu nkino zabaye mu 1958.

3. Ku bakinyi b'ubu bimeze gute?

Mu bakinyi bamaze gutsinda ibitego 10 canke birenga mu nkino z'igikombe c'isi, ni umudagi Thomas Muller wenyene azokwitaba n'inkino zo mu Burusiya nk'umukinyi.

Kugira ashikira mugenzi we Klose, bizoba ngombwa ko Muller atsinda ibitego bitanu muri izo nkino z'igikombe c'isi.

Umukinyi w'imbere wa Colombia James Rodriguez yatahukanye ibirato vy'inzahabu mu nkino z'igikombe c'isi ziherutse.

Rafael Marquez, umunyegoli wenyene ari kuri urwo rutonde azoja mu gikombe c'isi ubugira gatanu ni uwa Mexique anganya ibitego na Christiano Ronaldo.

4. Imigwi ntitera mw'igoli nk'uko yahora kera.

Igikombe c'isi giheruka ryatewemwo imipira mw'igoli mike cane kuva mu 1966.

N'aho biri uko habonetsemwo ibitego 2.7 muri buri rukino, ari na vyo vyinshi gusumba kuva mu 1982.

Bigaragara ko imipira iterwa iri kure irimwo inguvu nyinshi.

5. Ubwongereza bushobora kutoroherwa ariko ihiganwa ryo mu Bwongereza riracari irya mbere

Kuva buronse intsinzi mu 1966, Ubwongereza bumaze kurenga igice ca kane gishira ica nyuma rimwe. Ariko nticabujije ibindi bihugu guhamagaza abakinyi benshi bakina mu Bwongereza.

Hari abakinyi 130 bazokina mu gikombe c'isi bakina mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza ugereranije na81 bakina muri Espagne hamwe na 67 bo mu Budagi.

6. Igihugu giteguye izo nkino kivyifatamwo gute?

Nta muntu muri Brezil ashaka kwibuka igihe bategura inkino z'igikombe c'isi. Baratsinzwe na Uruguay mu 1950 hanyuma batsindwa 'Ubudagi ibitego 7-1 mu 2014.

Ariko ibindi bihugu biravyifatamwo neza iyo biteguye igikombe c'isi kubera baba bashigikiwe n'abakunzi babo. Uburusiya buzoba bwizeye gutsinda mu mugwi burimwo na Uruguay, Misri na Arabie Saudite.

Mu gihe bogira amahigwe, Afrika y'epfo ni co gihugu conyene categuye inkino z'igikombe c'isi kizoba kimaze kuva mw'ihiganwa bagikuranamwo mu migwi.

7. Penalite

Nta higanwa ry'igikombe c'isi kirahera hadatewe penalite.

Ni umudagi umwe gusa amaze guhusha penalite mu gikombe c'isi kandi bamaze gutsinda zose bamaze gutera.

Igitangaje n'uko Ubwongereza ari bwo bumaze kuvyifatamwo nabi cane ku mapenalite muri kahise k'igikombe c'isi, aho butaratsinda nimwe.

Ubutaliayo bwaratsinzwe nabi cane incuro zitatu harimwo no mu rukino rwo mu 1994 aho Roberto Baggio yananirwa kwinjiza penalite.