Sentare ya Somalia yakatiye igihano c'urupfu abagabo batatu bagirizwa igitero co mu kwezi kw'icumi

Ahavuye isanamu, AFP
Sentare ya gisirikare yo mu gihugu ca Somalia yakatiye igihano co kunyongwa abantu batatu bagirizwa igitero co mu kwezi kw'icumi kurangiye cahitanye abantu 20 i Mogadishu.
Abo bantu bagirizwa ko bari mu mugwi w'abagwanyi bagavye igitero kw'ihoteli Nasa Hablod Two itariki 28 ukwezi kw'icumi 2017, nkuko vyanditswe ku mbuga ngurukanabumenyi ya Goobjoog.
Iyo sentare yavuze ko abo bagabo bari mu mugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, Al-Shabab ugwanya leta.
Umucamanza Hassan Ali Noor Shute yavuze ko abo bagabo batatu - Farhan Mohamed Samatar, Abdinasir Daqane Hassan na Abshir Mohamed Hajji Bule - bemeye ivyo baregwa imbere y'iyo sentare ya gisirikare.
Uwo mucamanza yaciye abakatira igihano co kwicwa n'umugwi w'abarasa, ariko bakaba bagishobora kwunguruza.
Ico gitero co kw'ihoteli ya Nasa Hoblod Two catwaye abantu 20 gikomeretsa abandi 40.






