Somalia mu marira nyuma y'igitero ca mbere kibi mu myaka 10
Igitero gikomeye ca bombe mu gace gakunze kuba kagwiriyemwo abantu mu gisagara ca Mogadishio coba kimaze guhitana niburiburi abantu 300, niko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ryavuze.
Bivugwa ko abandi boba bashika 300 bakomeretse, igihe ikamyo yuzuye ibisasu isambukiye imbere y'ubwinjiriro bw'ihoteli, nkuko itororokanirizo ry'amakuru AFP ryavuze.
Reuters isubiramwo ivyashikirijwe na Ahmed Ali avura ku bitaro, ngo ibiziga 160 vyayoberanye vyahambwe na leta ejo.
Yavuze ko ibindi biziga vyahambwe n'incuti.

Ahavuye isanamu, AFP
Nico gitero gikomeye kurusha ibindi umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu al-Shabab ukoze kuva utanguye imigumuko mu 2007.
Prezida Mohamed Abdullahi "Farmajo" Mohamed yiyamirije ico gitero avuga ko ari "igikogwa kigayitse".
"Twemeje ko abantu 300 aribo bapfuye mw'ivyo biturika. Igitigiri c'abapfuye gishobora kuguma ciyongera bitewe nuko hari abantu bakibuzwe irengero," niko umuyobozi w'igisata gitwara abagwaye n'imodoka, Abdikadir Abdirahman yabwiye Reuters.







