Abasirikare ba Nigeria baregwa guhohotera abagore n'abigeme

Abasirikare ba Nigeria baregwa guhohotera abagore n'abigeme

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba Nigeria baregwa guhohotera abagore n'abigeme

Ikigo giharanira agateka ka zina muntu "Amnesty International" cavuze ko abasirikare ba Nigeria bafashe ku nguvu abagore n'abakobwa bariko bahunga imigumuko itewe n'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, Boko Haram.

Abo basirikare ngo babanza gutandukanya abagabo n'abagore mu makambi, mu nyuma bakaboneraho kubasambanya ku nguvu, rimwe na rimwe bakabanza kubaha imfungurwa, niko ico kigo kigwanira agateka cavuze.

Abantu baharugwa mu bihumbi barishwe n'inzara mu makambi yo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, kuva mu 2015, niko Amnesty ivuga.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Igisirikare ca Nigeria cahakanye ivyo vyagiriji, kivuga ko ari kurondera kugitukisha, ko atari ukuri.

"Ico cegeranyo nta kuri gifise, gishobora gutoba ibikorwa vyiza vyariko birangugwa n'abasirikare bakunda igihugu, dusavye ko gihagarikwa," niko igisirikare cavuze mw'itangazo.

Igisirikare ca Nigeria gihanganye n'abagwanyi ba Boko Haram bagumutse kuva mu 2009 i Borno no mu zindi ntara zo mu buraruko bushira ubuseruko.

Abantu barenga 30000 baramaze gupfira muri izo ndyane, abashika umuliyoni 1.8 nabo bakuwe mu ngo zabo.

Leta ya Trump yavuze ko igihe kugurishiriza ku gihugu ca Nigeria indege n'ibigwanisho, kugira ngo ishobore gutuza abo bagumutsi.