Hussein Radjabu ngo yoba yitegurira gutoba amatora mu Burundi

Bivugwa ko izi modoka Hussein Radjabu yaziguze akiri umukuru wa CNDD FDD, amaze gukurwa aca arazinyegeza
Insiguro y'isanamu, Bivugwa ko izi modoka Hussein Radjabu yaziguze akiri umukuru wa CNDD FDD, amaze gukurwa aca arazinyegeza

Ubushikiranganji bw'umutekano bumenyesha ko bwafashe imodoka zo mu bwoko bwa camionnette (double cabine) 10 n'amapikipiki 27 mu gisagara ca Bujumbura.

Ubwo bushikiranganji kandi bumenyesha ko ari ivy'umunyapolitike Hussen Radjabu, yahoze arongoye umugambwe uri ku butegetsi ubu ari mu buhungiro.

Ngo amakuru inzego z'umutekano zifise ngo ni uko izo modoka zariko zirategurwa kugira zikoreshwe mu guhungabanya umutekano muri kino gihe c'amatora y'ibwirizwa shingiro.

Zimwe muri izo pikipiki ziriko ibimenyetso vy'umugambwe UPD, ngo ariko uwo mugambwe urabihakana ko atari ivya wo.

Zimwe muri izo pikipiki ziriko ibimenyetso vy'umugambwe UPD, ngo ariko uwo mugambwe urabihakana ko atari ivya wo
Insiguro y'isanamu, Zimwe muri izo pikipiki ziriko ibimenyetso vy'umugambwe UPD, ngo ariko uwo mugambwe urabihakana ko atari ivya wo

Guhungabanya umutekano

Nkuko Pierre Nkurikiye, umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe umutekano abimenyesha, izo modoka n'ivyo bikoresho ngo vyari bimaze imyaka indwi binyegeje mu muhana w'umugwizatunga Bayousoufu muri zone ya rohero.

Ngo Hussen Radjabu yari yabiguze agitwara umugambwe uri ku butegetso, CNDD-FDD, ngo bamaze kumukura aca ahitamwo kubinyegeza.

Hussein Radjabu yaje gufatwa arapfungwa yagirizwa gushaka gutembagaza inzego, nyuma y'ukutumvikana kwadutse hagati yiwe n'abandi barongozi b'umugambwe.

Ngo amakuru inzego z'umutekano zifise ngo ni uko izo modoka zariko zirategurwa kugira zikoreshwe mu guhungabanya umutekano muri kino gihe c'amatora y'ibwirizwa nshingiro
Insiguro y'isanamu, Ngo amakuru inzego z'umutekano zifise ngo ni uko izo modoka zariko zirategurwa kugira zikoreshwe mu guhungabanya umutekano muri kino gihe c'amatora y'ibwirizwa nshingiro

Yaje gutoroka ibohero mu 2015 nyuma y'imyaka umunani apfunzwe, akaba ari umuntu ubu yumvikana gake anenga ibikorwa vy'ubutegetsi, avuga ko bwamurenganije.

Ari mu bantu batanguje kandi bakorera cane CNDD-FDD kuva ikiri mw'ishamba gushika ishikire ubutegetsi mu 2005 n'inyuma yaho.

BBC iracagerageza kumenya ico Hussein Radjabu avuga kuri bi vyagiriji.